Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 31:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Maz’ ingabo z’Abisirayeli zo hakurya y’umwonga n’izo hakurya ya Yorodani, babonye kw Abisirayeli bahunze, kandi ko Sauli n’ abahungu biwe bapfuye, bata ibisagara vyabo, barahunga; Abafilisitiya baraza, baravyinjira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 31:7
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nzotuma igihugu canyu gitamārirwa, bijoreze abansi banyu bakibamwo.


Amasigarira yo muri mwebge nzotuma barandukira imitima mu gihugu c’abansi babo: bazokangwa n’ ukwumva akababi gakakaje, bahunge nk’ūhunga inkota; bazotemba ata kibirukanye.


Imirima yo mu ndimiro zanyu, n’ivyo mwakoze vyose, bizoribga n’ihanga mutazi; muzokwama muhahazwa mucuranguzwa na ntaryo,


Nukw Abamidiyani bamara igabo Abisirayeli, bituma Abisirayeli bironderera aho kuja kunyegera mu bihuma vyo ku misozi no mu masenga no mu maboma kubg’ abo Bamidiyani.


Maz’ Abisirayeli babonye ko babuze epfo na ruguru, kuko bāri mu karindiro, baja kwinyegeza mu masenga no mu bisaka no mu bitandara no mu bihuma no mu vyobo vyimbiwe kubīka amazi.


Mbere bamwe bo mu Baheburayo bāri bajabutse Yorodani, baja mu gihugu c’i Gadi n’i Gileyadi; ariko Sauli we yar’ akir’ i Gilugali; kand’ abāri bakiri kuri we bāri bakūtse imitima.


Uko ni ko Sauli yapfuye, n’abahungu biwe batatu, n’uwamutwaza ibirwanishwa, bo n’ingabo ziwe zose, bapfa kur’ uwo musi nyene.


Bukeye bgaho, Abafilisitiya baje gukoba imivyimba, basanga Sauli n’abahungu biwe batatu barambaraye ku musozi Gilibowa bapfuye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ