Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 31:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Uko ni ko Sauli yapfuye, n’abahungu biwe batatu, n’uwamutwaza ibirwanishwa, bo n’ingabo ziwe zose, bapfa kur’ uwo musi nyene.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 31:6
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Sauli amaze gutanga, Dawidi na we atabarutse avuye kugeseza Abamaleki, amaze kabiri i Sikulagi,


baraboroga, bararira, birirwa ata co batamiye gushitsa ku mugoroba, kubga Sauli n’ umuhungu wiwe Yonatani, no kubg’ abantu b’Uhoraho, n’inzu ya Isirayeli, kuko bicishijwe inkota.


Uko ni ko Sauli yapfuye, n’abahungu biwe batatu, n’ab’ inzu yiwe bose, bagwa hamwe.


Aca ahamagara umuhungu w’umusore amutwaje ibirwanishwa, ati Sokōra inkota yawe, umpohoshe, boye kuzovuga, ngo Yishwe n’umugore. Nuk’ uwo muhungu aramusogota, arapfa.


Nukw abantu bose baja i Gilugali, bimikira Sauli imbere y’Uhoraho aho nyene i Gilugali, bahatangira ibimazi vy’ishimwe imbere y’Uhoraho: nuko Sauli n’Abisirayeli bose bahagirira akanyamuneza kenshi.


Mbeg’ ubu si mw igenya ry’ingano? None ngira nsabe Uhoraho arungike imvura irimw’ imituragaro; muca mumenya kandi mubone kw ibigabitanyo vyanyu ari vyinshi, ivyo mwagabitanije imbere y’Uhoraho, ko mwisabiye umwami.


Ariko ni mwashishikara kugabitanya, muzorandurwa, mwe n’umwami wanyu.


Arongera aravuga, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Uhoraho ubgiwe ni we azomwiyicira; cank’ umusi wiwe wo gupfa uzoshika; cank’ azomanuka aje mu ntambara, ayigwemwo.


Mbere mwe n’Abisirayeli Uhoraho azobagabura mu maboko y’Abafilisitiya; kand’ ejo mwe n’abahungu bawe muzoba mur’ aho ndi; Uhoraho agira agabure ingabo z’ Abisirayeli mu maboko y’Abafilisitiya.


Uno yamutwaza ibirwanishwa abonye ko Sauli apfuye, na we yīsuka kuri rwiwe, bagwa hamwe.


Maz’ ingabo z’Abisirayeli zo hakurya y’umwonga n’izo hakurya ya Yorodani, babonye kw Abisirayeli bahunze, kandi ko Sauli n’ abahungu biwe bapfuye, bata ibisagara vyabo, barahunga; Abafilisitiya baraza, baravyinjira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ