Dawidi aramubaza, ati Vyagenze bite? Ntabara umbarire. Aramwishura, at’ Abantu barahunze bava mu rugamba, kandi benshi baruguyemwo, barapfa; na Sauli na Yonatani umuhungu wiwe na bo bārapfuye.
Dawidi araheza aragenda yaka abantu b’i Yabeshi‐gileyadi amagufa ya Sauli n’aya Yonatani umuhungu wiwe, ayo bāri bārīvye mu kibuga c’i Beti‐shani, ah’ Abafilisitiya bari barayamanitse, kuri wa musi bātsinda Sauli i Gilibowa.