ntuz’ uvyikubite imbere, ntuz’ ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd’ Imana ifuha, mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka,
Sauli yitoraniriza abantu mu Bisirayeli ibihumbi bitatu; muri bo, ibihumbi bibiri bāba kuri we i Mikimashi no ku musozi w’i Beteli; abandi igihumbi bāba kuri Yonatani i Gibeya h’i Bubenyamini; abasigaye arabacūra, umuntu wese yītāhira i we.
Aramubarira, ati Reka gutinya, kuk’ ukuboko kwa data Sauli kutazogushikīra; kand’ uzoba umwami w’Abisirayeli, nanje nzoba uwa kabiri kuri wewe; kandi data Sauli na we arabizi.