baraboroga, bararira, birirwa ata co batamiye gushitsa ku mugoroba, kubga Sauli n’ umuhungu wiwe Yonatani, no kubg’ abantu b’Uhoraho, n’inzu ya Isirayeli, kuko bicishijwe inkota.
Bukeye Sauli yumva ko Dawidi n’abo bari kumwe har’ abababonye; kandi yar’ avyāgiye musi y’igiti c’umwesheli ku gatwe k’ umusozi i Gibeya; yar’ afise icumu mu minwe, kand’ abagendanyi biwe bose bari bahagaze bamukikije.