arik’ uzokwipfira bupfe; nk’ uko boshereje imibavu ba sogokuruza, abami bākwitangiye imbere, ni ko bazoyikwosereza nawe; bazokuborogera, bati Yewe mwami wacu! uti Kukw ari we avuze iryo jambo, uti Ni kw agize.
Umuntu ni yaza guterura umuvyimba wa mwene wabo ngw awuturire, agakūra ico kiziga mu nzu, azobaza ūri haruguru mu nzu, ati Har’ ūgisigaye muri kumwe? na we azomwishura, ati Na mba; maz’ uno amubgire, at’ Iyihorerere, kuko tudashobora kuvuga izina ry’Uhoraho!