Kand’ Abamanase ibisagara bāhāwe mu bg’Abisakari no mu bg’Abasheri ni vy’ ibi: Beti‐sheyani na Ibuleyamu n’ababa i Dori n’ababa i Endori, n’ababa i Tanaki n’ababa i Megido, bo n’udusagara tugenda tuhakūkira; iyo ni yo misozi itatu ihagaze.
Uwo muherezi aramwishura, ati Ya nkota ya Goliyati wa Mufilisitiya watsinda mu mwonga Ela, ehe ngiyi iri hano, izingiriwekw impuzu inyuma ya efodi; ni wagomba kuyijana, uyijane, kukw ata yindi iri hano atar’ iyo. Dawidi aramwishura, ati Nta yiruta iyo; yimpe.
Maze Samweli abarira ab’ inzu y’Abisirayeli bose, ati Ni mwaba mugarutse k’Uhoraho n’ imitima yanyu yose, ni mukūreh’ ibigirwamana vy’abanyamahanga na Ashitaroti biri muri mwebge, muherereze imitima yanyu k’Uhoraho, abe ari we musaba wenyene, na we azobarokora, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya.