Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 31:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nukw Abafilisitiya batera Abisirayeli, Abisirayeli barabahunga, bahindikirana ku musozi Gilibowa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 31:1
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yemwe misozi y’i Gilibowa, Ntihagatonde ikime kuri mwebge, canke ngo hagwe imvura, Ntihakamere imirima ngo baronkek’ umushuzo w’amashikanwa! Kuko kuri mwebge ari ho inkinzo y’umuhizi yashiburiwe, Ni yo nkinzo ya Sauli, itazosīgwa amavuta ukundi.


Nya muhungu amubikiye aramwishura, ati Nariko ndihitira, nshitse ku musozi Gilibowa, ngize ntya mbona Sauli yishimikije icumu, kandi mbona asugerejwe n’imikogote n’abagendera ku mafarasi.


Kandi Yonatani mwene Sauli yar’ afise umwana yamugaye ibirenge. Igihe imbitsi yaza ivuye i Yezireli kubika Sauli na Yonatani, uwo mwana yar’ amaze imyaka itanu avutse; maz’ umurezi wiwe aramuhitana, arahunga; akinyaragasa ahunga, aramukorokana, yikubita hasi, aca amugara. Nya mwana yitwa Mefibosheti.


Ariko ni mwashishikara kugabitanya, muzorandurwa, mwe n’umwami wanyu.


Mur’ iyo misi Abafilisitiya bakoranya ingabo zabo ngo baje gutera Abisirayeli. Akishi abarira Dawidi, at’ Umenye neza ko mwe n’abantu bawe muzotabarana nanje mu rugamba.


Nuko Samweli abaza Sauli, ati N’iki gitumye uza kunkoma, ukanzūra? Sauli aramwishura, ati N’uko ndi mu magorwa, kukw Abafilisitiya baje kuntera, kand’ Imana ikaba yarantaye, ata co ikinyishura, ari mu bo ivugisha canke mu nzozi. Ni co kinteye kuguhamagara, ng’ummenyeshe ico nkwiye gukora.


Mbere mwe n’Abisirayeli Uhoraho azobagabura mu maboko y’Abafilisitiya; kand’ ejo mwe n’abahungu bawe muzoba mur’ aho ndi; Uhoraho agira agabure ingabo z’ Abisirayeli mu maboko y’Abafilisitiya.


Nukw Abafilisitiya barakorakorana, baraza basagaza i Shunemu; Sauli na we akoranya Abisirayeli bose, basagaza i Gilibowa.


Nukw Abafilisitiya bakoraniriza ingabo zabo zose i Afeka, Abisirayeli na bo basagaza hafi y’iriba ry’i Yezireli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ