9 Nuko Dawidi aragenda, bo na za ngabo zari kumwe na we ukw ar’ amajana atandatu; bashitse ku mugezi Besori, abāri basigaye inyuma bagumaho.
Nukw abantu biwe bose bamuca imbere; kand’ Abakereti n’Abapeleti bose, n’Abanyegati bose ukw ar’ amajana atandatu bāri bavuye i Gati bamukurikiye, na bo baca imbere yiwe.
Adūgana n’abantu biwe, umuntu wese n’abo mu rugo rwiwe; bimukira mu bisagara vy’i Heburoni.
Nuko Dawidi arahaguruka, bo na za ngabo amajana atandatu zari kuri we, barajabuka baja kwa Akishi mwene Mayoki, umwami w’i Gati.
Ariko Dawidi araramiriza, bo n’abantu amajana ane; abandi amajana abiri barasigara, kuko bari barushe, bananirwa kujabuka umugezi Besori.