Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 30:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Dawidi araheza asiguza Uhoraho, ati Mbega ni nakurikira ico gitero nzogihamvya? Aramwishura, ati N’ubakurikire, kuk’ utazobura kubahamvya, ukabāka vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 30:8
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Agarura ibintu vyose, agarura n’uw’i wabo Loti, n’ibintu vyiwe, n’abagore n’abakobga na bo, n’abandi bantu.


Maze Dawidi asiguza Uhoraho, ati Ndūge nje gutera Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko yanje? Uhoraho aramwishura, ati Dūga ubatere, kuko ntazobura kugabura abo Bafilisitiya mu maboko yawe.


Maze Dawidi asiguje Uhoraho, aramwishura, ati Ntudūge ngo mubīsanganize, arik’ ugende inkerera‐mucamo, mubaturuke inyuma, aharābana n’ibiti vyitwa imibaka.


Uz’ unyambaze ku musi w’ amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.


Azonyambaza, nanje ndamwitabe, Nzobana na we mu marushwa, Ndamukize, mmuhe icubahiro.


Umubisha yaravuze, Ati Ndabakurikira, ndabashikīre, ngabanganye iminyago, Ndabīmarekw ishavu; Nsokōre inkota, mbaranduze ukuboko kwanje!


Kand’ az’ ahore ahagarara imbere ya Eleyazari umuherezi, amutume kuza imbere yanje kumbaza, apfindishije Urimu; ijambo rya Eleyazari rize ribe ari ryo ribaturutsa, ribacūre, Yosuwa n’Abisirayeli bose, mbere n’ishengero ryose.


Maz’ Abisirayeli barahaguruka baja i Beteli, ngo basiguze Imana; barayibaza, bati Muri twebge ni ba nde bazotangura kuja gutera Ababenyamini? Uhoraho arabishura, at’ Abayuda ni bo bazotangura kugenda.


Maz’ Abisirayeli baradūga, baja kuririra imbere y’Uhoraho gushitsa ku mugorōba; babaza Uhoraho, bati Mbega dusubire kuja kurwana n’ab’ i wacu b’Ababenyamini? Uhoraho arabishura, at’ Ego me dūga mubatere.


na Finehasi mwene Eleyazari umwuzukuru wa Aroni ni we yahagarara imbere yayo); babaza Uhoraho, bati Mbega dusubire kuja kurwana n’ab’i wacu b’Ababenyamini, canke dusigeho? Uhoraho arabishura, ati Dūga, kukw ejo nzobagabura mu maboko yanyu.


Nuko Gideyoni ashika kuri Yorodani, ajabukana na za ngabo ziri kumwe na we amajana atatu, zicōmye inyuma y’abansi, zinaniwe.


Nuko bongera gusiguza Uhoraho, bati Mbeg’ uwo muntu yoba ataraza? Uhoraho arabishura, at’ Ereg’ arinyegeje mu bintu vy’intēkera.


Nuko Sauli asiguza Imana, ati Mbega mmanuke nkurikire Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko y’Abisirayeli? Arik’ uwo musi ntiyamwishura.


Nuko Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega nje kurwanya abo Bafilisitiya? Uhoraho yishura Dawidi, ati Genda ubarwanye, utabare ab’i Keyila.


Nuko Dawidi yongera gusiguza Uhoraho. Uhoraho aramwishura, ati Haguruka umanuke uje i Keyila, kuko nzogabura Abafilisitiya mu maboko yawe.


Arikw asiguje Uhoraho, ntiyagira ico amwishura, ari mu nzozi, ari mu buryo bga Urimu, haba no mu bavugishwa na we.


Dawidi yigarukanira ivyo Abamaleki bari banyaze vyose, arokora n’abagore biwe bompi.


Ntihāgira ico babura, ari gito ari kinini, ar’ abana b’abahungu cank’ ab’ abakobga, ar’ ico mu nyagano canke mu vyari vyasahuwe; Dawidi abigarukana vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ