Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 30:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Maze Dawidi agira intuntu nyinshi, kukw abantu bāvuga nk’abagomba kumutera amabuye; bose bāri n’akabonge kubg’ abana babo b’abahungu n’abakobga; ariko Dawidi arīremēsha, yisunze Uhoraho Imana yiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 30:6
51 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yakobo aca aranduka umutima, arihebūra; maz’ agabanyamwo kubiri abantu bāri kumwe na we, n’imikuku n’amasho n’ingamiya;


Kand’ at’ Urazi so n’ingabo ziwe kw ar’ abahizi, kandi baramaze kuraka nk’idubu isahuriwe abana mu gahinga. Bitayeko, so n’umuntu amenyereye ivy’ intambara, ntiyopfa kurāra mu ngabo.


Ashitse aho nyene kur’ uwo musozi, ah’ uwo muntu w’ Imana ari, amufata ku birenge. Gehazi aramwēgēra ngw amusunure, arik’ uwo muntu w’Imana aramubgira, ati Mureke, kukw afise umubabaro mu mutima, kand’ Uhoraho yabimpishije ntiyabimbariye.


Ehe rāba, agira anyice: nta co nkirorereye; Yamara nzokwiregura ingeso zanje imbere yayo.


Nari nizeye, hamwe navuga, Nti Narababajwe cane,


Umusi nagutakambiyeko waranyishuye, Undemeshesha gusubiza intege mu mutima wanje.


Uhoraho n’igitandara canje, n’ubuhungiro bganje, n’ umurokozi wanje, N’Imana yanje, n’igitandara canje gikomeye, ni we nzohungirako; Ni we nkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’umunara wanje wo guhungiramwo.


Mu mubabaro wanje nambaje Uhoraho, Natakambiye Imana yanje; Yumva ijwi ryanje iri mu ngoro yayo, Ivyo natakambiye imbere yayo biyishika mu matwi.


Imibabaro y’umutima wanje uyiruhure, Nkūra se mu marushwa yanje.


Ni witege Uhoraho: Rema, umutima wawe uhūmure: Nuko, ni witege Uhoraho.


Ni mureme, imitima yanyu ishikame, Yemwe abiteze Uhoraho mwese.


Mutima wanje, n’iki gitumye wicurikīra? N’iki gitumye umpagararamwo? Ni wishimire Imana kuko na none nzosubira kuyihimbaza, Ni yo gakiza ko mu maso hanje, n’Imana yanje.


Mutima wanje, n’iki gitumye wicurikīra? N’iki gitumye umpagararamwo? Ni wishimire Imana, kuko na none nzosubira kuyihimbariza Agakiza kava mu nyonga hayo.


Idamba rihamagara irindi damba, kubgo kubomborana kw’amasūmo yawe: Imipfunda yawe yose n’imikuba yawe yose birandengeye.


Imana ni yo nizigiye, sinzotinya; Non’ abantu boshobora kuntwara iki?


Umutima wanje uhwekereye ku Mana yonyene: Ni yo agakiza kanje kandurukako.


Mutima wanje, uhwekere ku Mana yonyene, Kukw ari yo ivyizigiro vyanje vyandurukako.


Mana yanje, ngobotora mu kuboko kw’umunyakibi, Ngobotora mu kuboko kw’ umugabitanyi w’ikirara.


Kukw ari wewe vyizigiro vyanje, Mwami Uhoraho: Ni wewe nizera, uhereye mu buto bganje,


Maze Mose atakambira Uhoraho, ati Mbeg’ aba bantu ndabagire nte? ko bashigaje gatoya bakantera amabuye.


Izina ry’Uhoraho n’umunara ukomeye: Umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.


Kuk’ umugorwa wamubereye igihome, wabereye igihome umukene mu vyago vyiwe, ukababera ubgugamo mu gihuhuta, n’igitūtu mu ndugumba, iy’ inkūbi y’abantu b’ agaterabgoba imeze nk’igihuhuta cisuka ku nzu.


Ewe Uhoraho, nkomezi zanje, gihome canje, buhungiro bganje ku musi w’amagorwa, amahanga azoza kuri wewe avuye mw isi yose iy’ iva ikagera, bavuge, bati Ba sogokuruza bacu nta kindi bārazwe atar’ ibinyoma n’ivy’ ubusa n’ibitagira ikimazi.


ati Natakambiye Uhoraho kubg’ ivyago nagize, aranyishura; Nambaje ndi mu nda y’i kuzimu, wumva ijwi ryanje.


Ishengero ryose riraheza rivuga ko babicisha amabuye; maz’ ubgiza bg’Uhoraho bubonekera Abisirayeli bose buri mw ihema ry’ibonaniro.


Kand’ ishengero rimugiye imbere n’irimukurikiye rirasemerera, riti Hoziyana, mwana wa Dawidi, hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, hoziyana mw ijuru.


Pilato arababaza, ati None Yesu yitwa Kristo, we ndamugire nte? Bose bati N’abambge.


Baca batora amabuye yo kumutera, maze Yesu arihisha, ava mu rusengero.


Aburahamu yizera yizigiye ibitokwizigiwe, ngw abe sekuruza w’amahanga menshi, nk’uko vyavuzwe, ng’ Uruvyaro rwawe ni ko ruzongana.


Ariko yiyumviriye ic’ Imana yamusezeraniye, ntiyakekeranishwa no kutizera, arikw aremeshwa cane no kwizera, ahesha Imana icubahiro,


Ko bimeze birtyo, tuvuge iki? Bisanzwe Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde?


Iyo tubabazwa, kuba ar’ ukugira ngo bibazanire ukwirurwa, bo n’agakiza: kand’ iyo twirurwa, kuba ar’ ukugira ngo bibazanire ukwirurwa nyene, guserukira mu kwihanganira imibabaro imwe n’iyo natwe tubabazwa.


Dusugerezwa impande zose, ariko ntidushika mu mbombane; turazazanirwa, ariko ntituranduka umutima;


Hamwe twaja i Makedoniya umubiri wacu ntiwaribgatenzukirwe na gatoya, kuko twababajwe uburyo bgose; inyuma hār’ intambara, imbere hār’ ubgoba.


Ni co gituma tuvuga dushize ubgoba, tut’ Uhoraho n’umutabazi wanje, sinzotinya: Non’ umuntu yoshobora kungira iki?


Abadani baramwishura, bati Ntusubire kudusemerera inyuma, bamwe muri twebge bohava bashangashirwa, bakabagwako, bakakwicana n’abo mu rugo rwawe!


Arikw izo ngabo z’Abisirayeli zirīyūngūnganya, basubira gutonda urugamba hamwe bari barutonze ubga mbere.


Maze Hana asenga Uhoraho afise intuntu, arira cane,


Bukeye Yonatani mwene Sauli arahaguruka, aja iyo Dawidi ari i Horeshi, amuremēsha mu vy’ Imana.


Nuko Samweli abaza Sauli, ati N’iki gitumye uza kunkoma, ukanzūra? Sauli aramwishura, ati N’uko ndi mu magorwa, kukw Abafilisitiya baje kuntera, kand’ Imana ikaba yarantaye, ata co ikinyishura, ari mu bo ivugisha canke mu nzozi. Ni co kinteye kuguhamagara, ng’ummenyeshe ico nkwiye gukora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ