4 Maze Dawidi n’abantu bari kumwe na we baraturikisha, bararira, gushitsa aho batakibasha kurira.
Nuko Ezira agisenga yātura, kand’ arira, yikubise hasi imbere y’ingoro y’Imana, ikoraniro rinini cane ry’Abisirayeli, abagabo n’abagore n’abana, bakoranira ah’ ari; kand’ abantu bararira cane.
Ishengero ryose riraturikisha, riraboroga; iryo joro abantu barāra bararira.
Mose araheza ashikiriza Abisirayeli bose ayo majambo; abantu bagira umubabaro mwinshi.
Maz’ umumarayika w’Uhoraho amaze kubgira Abisirayeli bose ayo majambo, abantu baraturikisha bararira.
Nukw abantu baja i Beteli, bicara imbere y’Imana gushitsa ku mugoroba, baboroga, barira,
Nukw intabaza zishitse i Gibeya ho kwa Sauli, zibarira abantu uko bibaye; abantu bose baraturikisha, bararira.
Nuko Dawidi n’abantu biwe bashitse kur’ ico gisagara, ni kwo gusanga bāgituriye, kand’ abagore n’abana babo b’abahungu n’abakobga bājanywe ar’ inyagano.
Kand’ aho yaza, Eli yari yicaye ku ntebe yiwe i ruhande y’inzira, ategereye agakuru, kuko yar’ ahagaritswe umutima n’isandugu y’Imana. Nuk’ uwo muntu ashitse mu gisagara, avuga inkuru z’ivyabaye; abo mu gisagara bose bacura umuborogo.