Bukeye Abusalomu atuma abantu ngo bagende mu mpisho, bakwiragire mu miryango yose y’Abisirayeli, ngo bavuge, bati Ni mwumva ijwi ry’inzamba, muce muvuga, muti Abusalomu agiye ku ngoma i Heburoni.
Hanyuma y’ivyo, Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega ndūge, nimukire mu gisagara kimwe mu vy’i Buyuda? Uhoraho aramwishura, at’ Ego me dūga. Dawidi ati Nje hehe? Aramwishura, ati Ja i Heburoni.
Mu kudūga bari baciye i Negebu, bashika i Heburoni; Ahimani na Sheshayi na Talumayi, abākomōtse kuri Anaki, ni ho bāba. Kand’ igisagara c’i Heburoni cari kimaze imyaka ndwi cubatswe, igihe Sowani ho muri Egiputa hubakwa.
Nuko Kalebu mwene Yefune Yosuwa amuha ishamvu mu muryango wa Yuda, nk’uk’ Uhoraho yamubariye; amuha Igisagara ca Araba, ari ho Heburoni; (Araba uwo ni we se wa Anaki).