Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 30:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 n’ ab’i Heburoni, n’ab’ ahandi hose aho Dawidi n’abantu biwe bāhora bayerērera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 30:31
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye Abusalomu atuma abantu ngo bagende mu mpisho, bakwiragire mu miryango yose y’Abisirayeli, ngo bavuge, bati Ni mwumva ijwi ry’inzamba, muce muvuga, muti Abusalomu agiye ku ngoma i Heburoni.


Hanyuma y’ivyo, Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega ndūge, nimukire mu gisagara kimwe mu vy’i Buyuda? Uhoraho aramwishura, at’ Ego me dūga. Dawidi ati Nje hehe? Aramwishura, ati Ja i Heburoni.


Bukeye abantu b’i Buyuda baraza, bahimikira Dawidi bamusutsekw amavuta, ngw abe umwami w’ umuryango w’Abayuda. Bukeye babarira Dawidi, bat’ Ab’i Yabeshi‐gileyadi ni bo bāhamvye Sauli.


Bukeye Ishibosheti mwene Sauli yumvise ko Abuneri yaguye i Heburoni, arajonjogora, Abisirayeli bose bahagarika imitima.


Mu kudūga bari baciye i Negebu, bashika i Heburoni; Ahimani na Sheshayi na Talumayi, abākomōtse kuri Anaki, ni ho bāba. Kand’ igisagara c’i Heburoni cari kimaze imyaka ndwi cubatswe, igihe Sowani ho muri Egiputa hubakwa.


Nuko Kalebu mwene Yefune Yosuwa amuha ishamvu mu muryango wa Yuda, nk’uk’ Uhoraho yamubariye; amuha Igisagara ca Araba, ari ho Heburoni; (Araba uwo ni we se wa Anaki).


Nuko babaha Igisagara ca Araba, ari ho Heburoni, mu mugamba w’Abayuda, hamwe n’amaragiro ahakikije; (Araba uwo ni we se wa Anaki).


None rero ni mugende, murushirize guhwēbūtsa, mumenye mwitegereze ah’ ikiryamo ciwe kiri, kandi n’uwoba yaramubonye uw’ ari we, kuko bambariye kw ar’ ubgenge cane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ