3 Nuko Dawidi n’abantu biwe bashitse kur’ ico gisagara, ni kwo gusanga bāgituriye, kand’ abagore n’abana babo b’abahungu n’abakobga bājanywe ar’ inyagano.
Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, Arik’ Uhoraho ayamukiza yose.
Kuk’ uwo Uhoraho akunda ari we akāngīra, Kand’ aramagura uwo yemera wese kw ar’ umwana wiwe.
Ehe nguhaye bamwe bo mw isinagogi ya Satani, biyita Abayuda, atari bo, ariko babesha; ehe nzobagōbēra kuza, bikubite imbere y’ibirenge vyawe, bamenye yuko nagukunze.
Nuko Dawidi n’izo ngabo ziwe baba i Gati kwa Akishi, umuntu wese n’abo mu rugo rwiwe; Dawidi na we yari kumwe n’abagore biwe bompi, Ahinowamu w’i Yezireli, na Abigayili w’i Karumeli, yahora ari muka Nabali.
bānyaze abagore n’abāri mur’ ico gisagara bose, abato n’abakuru; ntibāri bagize uwo bica, atar’ ukubajana ar’ inyagano, bakīgīra.
Maze Dawidi n’abantu bari kumwe na we baraturikisha, bararira, gushitsa aho batakibasha kurira.