Maz’ abo mu ruvyaro rwa wa Munyakeni, muramu wa Mose, badūgana n’Abayuda bavuye mu gisagara co mu bigazi, baja mu bugaragwa bg’i Buyuda, ahahera i bumanuko bg’i Arada, babanayo na bene ho.
Bukeye Abanyezifu baja i Gibeya kwa Sauli, baramubarira, bati Mbeg’ aho ntuzi ko Dawidi yinyegeje i wacu, mu masenga y’i Horeshi, ku musozi Hakila, ahahera i bumanuko bg’ubugaragwa?
Akishi ngw amubaze, at’ Uyu musi wateye hehe? Dawidi akamwishura, ati Nateye i bumanuko mu Buyuda; cank’ ati Nateye i bumanuko mu ba Yerameyeli; cank’ ati Nateye i bumanuko mu Banyakeni.