Shimeyi w’i Rama ni we yar’ umukuru yajejwe imirima y’imizabibu; Zabudi w’i Shifimu ni we yar’ umukuru yajejwe ivy’ inzabibu zamuwe zo gukānyamwo vino;
Igihugu cabo cāhēra kuri Aroweri ho ku mucāmo hejuru y’umwonga wo kuri Arunoni, no ku gisagara kiri hagati mur’ uwo mwonga nyene, n’ikiyaya cose c’i Medeba,