26 Maze Dawidi ashitse i Sikulagi, arungikira abakunzi biwe b’ abashingantahe b’i Buyuda ku minyago, ati Ngivyo ivyo mbagabiye bivuye ku minyago y’abansi b’ Uhoraho.
Nuko ndakwinginze, akīra iyo ngabire nkurungikiye; kukw Imana yangiriye ubuntu, kandi mfise ibimpāgije. Aramugōbēra, aravyākīra.
Sauli amaze gutanga, Dawidi na we atabarutse avuye kugeseza Abamaleki, amaze kabiri i Sikulagi,
Hanyuma agarukana n’abantu biwe bose kur’ uwo muntu w’ Imana, araza ahagarara imbere yiwe, aramubarira, ati Noneho ndamenye kw ata yindi Mana iriho mw isi yose, atari mu Bisirayeli; enda rero ni wābīre ingemu nguhaye jewe umusavyi wawe.
Abanezererwa urubanza rwanje ruroranye bavugishwe impundu n’umunezero, Mbere ni bavuge urudaca, bat’ Uhoraho ahimbazwe, Akunda k’umusavyi wiwe aba amahoro.
Uradūze, uja iyo hejuru, ujanye iminyago, Uhērewe ingabire hagati y’ abantu: Mbere uzihērewe hagati y’ abagarariji na bo, kugira ng’ Uhoraho Imana abane na bo.
Arik’ umunyabuntu imigabo yiwe n’ukugira ubuntu, kand’ ukwo kugira ubuntu azogushishikara.
Ni co gitumye niyumviriye yuko nkwiye kwinginga abo bene Data kunyitangira imbere mu kuza i wanyu, ngo babanze gutunganya ivy’ ubuntu mwasezeranye kera, bibe vyiteguwe nk’ivy’ ubuntu, ata kinubge.
Bukeye Sauli abarira Dawidi, ati Nguyo umukobga wanje mukuru Merabu, nzomuguha; ariko rero, uz’ ube umuhizi wo kundwanira, urwane intambara z’Uhoraho. Kuko Sauli yavuga, ati Yoye kuzongwako, arikw az’ agwe ku Bafilisitiya.
None rero mwami wanje, nyakīrira iri shikanwa ngushikaniye, jewe umuja wawe, urigaburire imikangara yawe ikugendanira, mugenzi.
Ndakwinginze, mpangaza jewe umuja wawe, umparire igicumuro canje: Uhoraho ntazobura guha inzu yawe kurama, kuk’ urwana intambara z’Uhoraho, mugenzi, kandi nta kibi kizokubonekako imisi yose uzoba uriho.
Dawidi anyaga intama n’inka zose, bazishorera imbere y’izabo, baravuga, bat’ Uyu ni wo munyago wa Dawidi.
Nuk’ uhereye uwo musi abigira icagezwe n’ibgirizwa mu Bisirayeli na bugingo n’ ubu.