23 Ariko Dawidi arababarira, ati Bagenzi banje, ntimwogenza murtyo ivyo Uhoraho yaduhaye, n’ukuntu yatuzigamye, akagabura mu maboko yacu ico gitero cari caduteye.
Arababgira, ati Bene data, ndabinginze, ntimukore icaha kingana girtyo.
Ni co gituma urusenga rwabo baruha ikimazi, n’ umukwabu wabo bakawosereza imibavu; kukw ari vyo bibahesheje kwidibamira, bigatuma ivyo kurya vyabo bigwira.
Ati Yemwe bagabo bene Data kandi ba data, ni mwumvirize ivyo nireguza muri mwebge.
Na we aramwishura, ati Yemwe bene Data kandi ba data, ni mwumve: Imana y’icubahiro yiyeretse sogokuruza Aburahamu, ar’ i Mesopotamiya, ataraja kugerēra i Harani,
Muzokwama mu gahimbo, mushimire Uhoraho Imana yanyu igihugu ciza yabahaye.
Kandi muze mwirinde, mwoye kwiyumvira mu mitima yanyu, mut’ Ubutōre bgacu n’inkomezi zacu ni vyo vyaturonkesheje ubu butunzi.
Ariko muze mwibuke Uhoraho Imana yanyu, kukw ari we azobaha ubutōre bgo kuronka ubutunzi, kugira ngw ashitse isezerano yasezeranye arahira ba sogokuruza banyu, nk’uko biri n’uyu musi.
Uwo mugabo nyen’ urugo arasohoka, arababarira, ati Sigaho bagenzi banje, ndabinginze, ntimukore icaha kingana girtyo; kuk’ uyu mugabo aje mu nzu yanje: ntimukore ikizira kingana girtyo!
Uhoraho ni we amukenesha kandi ni we amukenura, Ni we amucisha bugufi kandi ni we amushira hejuru.
Maz’ abantu bose b’abanyakibi b’abagesera mu bāri bājanye na Dawidi baravuga, bati Ntitubaha ku vyari vyaranyazwe twigarukaniye, kuko batājanye natwe; shit’ umuntu wese turamuha umugore wiwe n’abana, babajane bagende.
Har’ uwokwemera iyo nama yanyu? Uwagiye mu ntambara n’uwasigaye ku bintu bararinganiza umutigiri: baragabangana banganye.
Dawidi araheza asiguza Uhoraho, ati Mbega ni nakurikira ico gitero nzogihamvya? Aramwishura, ati N’ubakurikire, kuk’ utazobura kubahamvya, ukabāka vyose.