Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 30:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Maz’ abantu bose b’abanyakibi b’abagesera mu bāri bājanye na Dawidi baravuga, bati Ntitubaha ku vyari vyaranyazwe twigarukaniye, kuko batājanye natwe; shit’ umuntu wese turamuha umugore wiwe n’abana, babajane bagende.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 30:22
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

maze muzane abantu babiri b’inshirukanya, baje imbere yiwe bamwagirize, bati Warogose ku Mana no ku mwami. Muheze mumujane inyuma y’ igisagara, mumwicishe amabuye.


maz’ abo bantu babiri b’inshirukanya baraza bamwicara imbere, bāgiriza Naboti ngaho imbere y’ abantu, bati Naboti yarogose ku Mana no ku mwami. Maze baca bamukūra mu gisagara, bamwicisha amabuye.


Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe; kukw ivyo ar’ ivyagezwe n’ivy’ abavugishijwe n’Imana.


bati Hādutse abagesera muri mwebge bariko barakwegakwega abo mu gisagara cabo, bat’ Ingo tugende, dusabe izindi mana, kand’ ar’ izo mutigeze kumenya;


Bakiriko barījandajandira, haza abanyagisagara b’abanyangeso mbi, bakikiza iyo nzu impande zose, bakubitagura ku rugi, babarira uwo mutāma nyen’ urugo, bati Sohora uwo mugabo yinjiye i wawe, tumwonone.


Kand’ umuntu wese yari mu magorwa, n’ūrin’umwenda, n’ūgendana imyidogo bakoranira kuri we, aba umukuru wabo; nukw abo bantu bāri kumwe na we bāri nk’amajana ane.


None rer’ ubimenye, wiyumvire ico wokora, kuko hagiye kuba ivyago kuri databuja no ku rugo rwiwe rwose, kand’ ar’ umuntu w’umugesera, ata woshobora kugira ico amubgira.


Ndakwinginze, mwami wanje, woye kwiyumvira kur’ uwo muntu w’umugesera Nabali. Izina ni ryo muntu: Nabali ni ko yitwa, kand’ ubujuju ni ko kameremere kiwe. Ariko jewe umuja wawe sinigeze mbona imikangara yawe watumye, mwami wanje.


Maze Dawidi ashika kuri ba bantu amajana abiri bāri barushe, bananirwa kumukurikira, bakabasiga ku mugezi Besori; baza gusanganira Dawidi n’abari kumwe na we. Dawidi abashikiriye arabaramutsa.


Ariko Dawidi arababarira, ati Bagenzi banje, ntimwogenza murtyo ivyo Uhoraho yaduhaye, n’ukuntu yatuzigamye, akagabura mu maboko yacu ico gitero cari caduteye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ