17 Dawidi aca ashirakw arabica, uhereye bugihwībīra ugashitsa ku mugoroba wa bukeye; ntiharokoka n’umwe, atar’ abahungu b’imisore amajana ane, bāsimbiye ku ngamiya bagahunga.
Sauli amaze gutanga, Dawidi na we atabarutse avuye kugeseza Abamaleki, amaze kabiri i Sikulagi,
i Siriya n’i Mowabu no mu Bamoni no mu Bafilisitiya no mu Bamaleki, bo na ya masahu yari yarasahuye umwami w’i Zoba, Hadadezeri mwene Rehobu.
Nuko bahenga buhwibiriye barīkora ngo baje ah’ Abasiriya bashagaje; ariko bashitse ah’ insago zabo zitangurira, basanga ata muntu akiharangwa;
Bageseza amasigarira y’Abamaleki bāri bārarokotse, baca babayo gushitsa na bugingo n’ubu.
Maze ndabasya, bacika nk’ umukungugu utumurwa n’ umuyaga, Mbata nk’umwavu ku nzira.
Ariko Ishimayeli mwene Netaniya, bo n’abagabo munani, bacikana Yohanani, baja mu Bamoni.
Ariko Baraki yōma inyuma y’iyo mikogote n’izo ngabo, barinda bashika i Harosheti‐ha‐goyimu; ingabo za Sisera zose zishirira ku nkota, ntihasigara n’uwa kirazira.
Kand’ Abamidiyani n’Abamaleki n’ab’i burasirazuba bose bari bajimagije ico kiyaya, ar’ amasinzi nk’inzige, n’ingamiya zabo zitoharūrika, ar’ amasinzi nk’umusenyi wo kw isēsero ry’ikiyaga.
Bukeye Sauli agabanya abantu mw imice itatu, basēseka hagati mu nsago z’Abamoni mu gahuru, baririka Abamoni gushitsa ku musase munini; maz’ abācitse kw icumu aho bashwiragiriye nta na babiri wobonye bari hamwe.
None rero genda, utere Abamaleki, ubarandure rwose n’ivyo bafise vyose; ntuz’ ugire uwo uziguriza, arik’ uz’ ugeseze abagabo n’abagore n’abana, mbere n’abonka, bo n’inka n’intama n’ingamiya n’indogoba.