Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 30:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Nukw amumanukanye, basanga bagandagaje, bariko bararya, binywera, batārīka, bahimbawe n’inyagano nyinshi banyaze mu gihugu c’Abafilisitiya no mu c’Abayuda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 30:16
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Abusalomu arahava abarira abasuku biwe, ati Muje muritegereza Amunoni: ni mwabona amaze guhimba vino, nkababarira, nti Ni muzibagure Amunoni; nuko muce mumwica, ntimutinye: none si jewe nzoba ndabibabariye? Nuko mugumye imitima, mube abahizi.


Bageseza amasigarira y’Abamaleki bāri bārarokotse, baca babayo gushitsa na bugingo n’ubu.


Ukwihaya kw’abanyakibi kumara igihe gito, No kunezerwa kw’abatubaha Imana ar’ ukw’ akanya isase?


Nnezererwa ijambo ryawe Nk’ūronse inyagano nyinshi.


Bukeye bakoroka kare, batanga ibimazi, baravyosa, bazana n’ibimazi vy’ishimwe; bicarikwa no kurya no kunywa, bava hasi baravyina.


yamara bashiraho kwinezereza no guhimbarwa, kubāga inka no kubāga intama, kurya inyama no kunywa vino: bati Ngo twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa.


Wagwije ihanga, wabongeye umunezero, banezererwa imbere yawe, nk’umunezero wo mw iyimbura, nk’uw’ abantu banezerwa bagabanganye iminyago.


Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.


arababgira, ati Ni mwisubirire i wanyu, mugigimvye itunga ryinshi n’inka nyinshi, mujane n’amafeza n’amazahabu n’imiringa n’ivyuma n’impuzu nyinshi cane: mugabangane na bagenzi banyu iminyago y’abansi banyu.


Maze Gideyoni adūgana inzira ica mu bībēra mu mahema hirya y’i Noba n’i Yogi‐beha ku ruhande rw’i burasirazuba, asanga izo ngabo zījajaye, arazitera.


Twari twateye i bumanuko mu Bakeriti, dutera n’i Buyuda, n’i bumanuko mu bga Kalebu, duturira n’i Sikulagi.


Dawidi aramubaza, ati None wonjana ukanshikana mur’ ico gitero? Aramwishura, ati Ndahira Imana k’utazonyica, canke k’utazontanga mu maboko ya databuja, mpeze ndakujane ah’ ico gitero kiri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ