Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 30:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Twari twateye i bumanuko mu Bakeriti, dutera n’i Buyuda, n’i bumanuko mu bga Kalebu, duturira n’i Sikulagi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 30:14
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti; kandi bene Dawidi bār’ abakuru b’igihugu.


Nuko Sadoki umuherezi n’ ūvugishwa n’Imana Natani na Benaya mwene Yehoyada n’Abakereti n’Abapeleti bamanukana Salomo, bamushize ku nyumbu y’ umwami Dawidi, bamujana i Gihoni.


Kand’ umwami yarungitse Sadoki umuherezi n’ūvugishwa n’ Imana Natani na Benaya mwene Yehoyada, bo n’Abakereti n’Abapeleti, bajana na we bamushize ku nyumbu y’umwami;


Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti; kandi bene Dawidi bār’ abajenama bakuru b’umwami.


nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobangurira ukuboko kwanje ku Bafilisitiya, ndandure n’Abakereti, ngeseze n’amasigarira yo mu kiyaya c’ikiyaga.


Bazobona ibara, ababa mu biyaya vyo ku kiyaga, ihanga ry’Abakereti! Ijambo ry’Uhoraho rirakujinjibuye, ewe Kanani, wa gihugu c’Abafilisitiya; azoguhonnya, ntihagire n’ umwe asigara akubamwo.


Maze Yosuwa ahezagira Kalebu mwene Yefune, amuha Heburoni kw ishamvu.


Nuko Kalebu mwene Yefune Yosuwa amuha ishamvu mu muryango wa Yuda, nk’uk’ Uhoraho yamubariye; amuha Igisagara ca Araba, ari ho Heburoni; (Araba uwo ni we se wa Anaki).


Arikw indimiro zo kur’ ico gisagara, n’imihana ihakūkira, babiha Kalebu mwene Yefune kuba ishamvu yiwe.


Uwo muntu yitwa Nabali, umugore wiwe yitwa Abigayili; uwo mugore yar’ umunyabgenge, kandi yar’ umunyakaranga, arik’ umugabo wiwe yar’ umuntu w’ikigoryi kandi w’imico mibi; yar’ uwo mu muryango wa Kalebu.


Nuko Dawidi n’ingabo ziwe bashika i Sikulagi ku musi ugira gatatu, basanga Abamaleki bateye igihugu c’i bumanuko n’i Sikulagi, basanga i Sikulagi bāhanesheje, bāhaturiye,


Dawidi aramubaza, at’ Ur’ umuntu wa nde? Kand’ ur’ uwa hehe? Na we aramwishura, ati Nd’ umuhungu wo muri Egiputa, umugurano w’ Umwamaleki; kandi hashize imisi itatu databuja antaye, kuko nari ndwaye.


Dawidi aramubaza, ati None wonjana ukanshikana mur’ ico gitero? Aramwishura, ati Ndahira Imana k’utazonyica, canke k’utazontanga mu maboko ya databuja, mpeze ndakujane ah’ ico gitero kiri.


Nukw amumanukanye, basanga bagandagaje, bariko bararya, binywera, batārīka, bahimbawe n’inyagano nyinshi banyaze mu gihugu c’Abafilisitiya no mu c’Abayuda.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ