Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 30:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Dawidi aramubaza, at’ Ur’ umuntu wa nde? Kand’ ur’ uwa hehe? Na we aramwishura, ati Nd’ umuhungu wo muri Egiputa, umugurano w’ Umwamaleki; kandi hashize imisi itatu databuja antaye, kuko nari ndwaye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 30:13
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Dawidi abaza uno muhungu amubikiye, at’ Ur’ uwa hehe? Ati Nd’ umwana w’Umwamaleki yaje ino ar’ inyambukīra.


Dawidi aramubaza, at’ Uva hehe? Aramwishura, ati Ni jewe ndokotse mva ah’ Abisirayeli bāri bashagaje.


Arambaza, at’ Uri nde? Ndamwishura, nti Nd’ Umwamaleki.


Umuntu agororotse ababara igitungwa ciwe, Arik’ umutima w’abanyakibi n’inkazi.


Baca baramubaza, bat’ Enda utubarire ūtumye duterwa ibi vyago; ukora igikorwa ki? ur’ uwa hehe? ur’ uwo mu kihe gihugu? ur’ ubgoko ki?


Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.


bamuha n’ikimanyu c’irobe ribumbabumbge mu nsukoni, n’udusoko tubiri tw’inzabibu zumye; ariye, aca arahēmbūka, kuko yar’ amaze imisi itatu n’amajoro atatu ata co arya, ata co anywa.


Twari twateye i bumanuko mu Bakeriti, dutera n’i Buyuda, n’i bumanuko mu bga Kalebu, duturira n’i Sikulagi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ