Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 30:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 bamuha n’ikimanyu c’irobe ribumbabumbge mu nsukoni, n’udusoko tubiri tw’inzabibu zumye; ariye, aca arahēmbūka, kuko yar’ amaze imisi itatu n’amajoro atatu ata co arya, ata co anywa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 30:12
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ati Genda ukoranirize hamwe Abayuda bose bar’ i Shushani, mwisonzeshe kubganje, mumare imisi itatu ku murango no mw ijoro mutagira ico murya canke munywa; nanje twe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha durtyo nyene, mpeze mbone gushika ah’ umwami ari, nah’ ar’ uguca mu cagezwe: kandi namba ndamukiwe no gupfa, mpfe!


Abantu baho bose baraniha, bayerera utwo kurya; Ibintu vyabo vyābahimbara bābitanze ku two kurya ngo basame amagara yabo: Uhoraho we, rāba witegereze: nahindutse ikigawa.


Uhoraho agera urufi runini ngo rumire Yona. Maze Yona amara mu nda y’urufi imisi itatu n’amajoro atatu.


baramubgira, bati Mugenzi, twibutse yuko wa muhumvyi akiriho yagize ngw imisi itatu ishize azozuka.


Maz’ ikinogo car’ i Lehi Imana iragisatura, amazi aradudubiza; nukw amaze kunywa, udutege turagaruka, arahēmbūka. Ni co catumye bacita Eni‐hakore: kiracar’ i Lehi na bugingo n’ubu.


Ariko Yonatani we, igihe se yarahiza abantu, ntiyumva, ni kwo gutuma inkoni yitwaje, akayikoza ku mutsāma w’ ubūki, agashira mu kanwa, akajisho kakagaruka.


Hanyuma baseruka ku Munyegiputa mu gahinga, bamuzanira Dawidi; bamutamika agatsima, bamuramiza n’utuzi,


Dawidi aramubaza, at’ Ur’ umuntu wa nde? Kand’ ur’ uwa hehe? Na we aramwishura, ati Nd’ umuhungu wo muri Egiputa, umugurano w’ Umwamaleki; kandi hashize imisi itatu databuja antaye, kuko nari ndwaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ