11 Hanyuma baseruka ku Munyegiputa mu gahinga, bamuzanira Dawidi; bamutamika agatsima, bamuramiza n’utuzi,
Umwansi wawe ni yasonza umugaburire, Ni yagira inyota umuhe amazi yo kunywa:
Nari nshonje, murangaburira, nari mfise inyota, mumpa ico nnywa; nar’ ingenzi, mumpa indāro;
Ntimuze mugirire akazīka Abanyedomu, kuko mur’ akara kamwe, kandi ntimugirire akazīka Abanyegiputa, kuko mwar’ inyambukīra mu gihugu cabo.
Abuzukuru babo bazovuka hanyuma bazoshobora kuja mw ikoraniro ry’Uhoraho.
Ariko Dawidi araramiriza, bo n’abantu amajana ane; abandi amajana abiri barasigara, kuko bari barushe, bananirwa kujabuka umugezi Besori.
bamuha n’ikimanyu c’irobe ribumbabumbge mu nsukoni, n’udusoko tubiri tw’inzabibu zumye; ariye, aca arahēmbūka, kuko yar’ amaze imisi itatu n’amajoro atatu ata co arya, ata co anywa.