10 Ariko Dawidi araramiriza, bo n’abantu amajana ane; abandi amajana abiri barasigara, kuko bari barushe, bananirwa kujabuka umugezi Besori.
Imisore yonadendebukirwa, ikaruha, n’imisore y’imikangara yokwicakw igatemba,
Nuko Sauli n’abantu bari kumwe na we bose barakorana baja mu ntambara, basanga basubiranyemwo, bariko barazibagurana inkota, bacitse umuhongo rwose.
Nuk’ uwo musi bica Abafilisitiya, uhereye i Mikimashi ugashitsa i Ayaloni; arikw abantu bari badendebukiwe cane.
Hanyuma baseruka ku Munyegiputa mu gahinga, bamuzanira Dawidi; bamutamika agatsima, bamuramiza n’utuzi,
Maze Dawidi ashika kuri ba bantu amajana abiri bāri barushe, bananirwa kumukurikira, bakabasiga ku mugezi Besori; baza gusanganira Dawidi n’abari kumwe na we. Dawidi abashikiriye arabaramutsa.
Nuko Dawidi aragenda, bo na za ngabo zari kumwe na we ukw ar’ amajana atandatu; bashitse ku mugezi Besori, abāri basigaye inyuma bagumaho.