Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 30:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nuko Dawidi n’ingabo ziwe bashika i Sikulagi ku musi ugira gatatu, basanga Abamaleki bateye igihugu c’i bumanuko n’i Sikulagi, basanga i Sikulagi bāhanesheje, bāhaturiye,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 30:1
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi Isaka yari yaravuye kw Iriba ry’i Lahayi‐royi, yaba mu gihugu c’i Negebu.


Sauli amaze gutanga, Dawidi na we atabarutse avuye kugeseza Abamaleki, amaze kabiri i Sikulagi,


ku musi ugira gatatu haza umuntu avuye aho Sauli yar’ ashagaje, yitantamuriyekw impuzu ziwe, yiyoreye ivu mu mutwe; ashitse imbere ya Dawidi akubita inkoro hasi, aramwunamira.


Arambaza, at’ Uri nde? Ndamwishura, nti Nd’ Umwamaleki.


Nukw abantu biwe bose bamuca imbere; kand’ Abakereti n’Abapeleti bose, n’Abanyegati bose ukw ar’ amajana atandatu bāri bavuye i Gati bamukurikiye, na bo baca imbere yiwe.


Batabara Dawidi, barwanya ca gitero c’abanyazi; bose bār’ abahizi, kandi bār’ abagabisha b’ingabo.


Nuko, uko bukeye hama haza abantu kuri Dawidi bo kumurwanira, gushitsa aho bāhindutse ingabo nyinshi, zihwanye n’iz’ Imana.


bajana n’ ingabo zose, baja kurwanya Ishimayeli mwene Netaniya, bamusanga hafi y’ikidengeri kinini c’i Gibeyoni.


Maz’ Uhoraho abarira Yosuwa, ati Ntubatinye; kukw ejo nk’aya mango bose nzobagabura bagwe imbere y’Abisirayeli; amafarasi yabo uz’ uyacagagure ibitsi, n’imikogote yabo uz’ uyiturire.


Maze Sauli ageseza Abamaleki uhereye i Havila ugashitsa i Shura, aharābana na Egiputa.


Afata mpiri umwami wabo Agagi, aranduza abantu bose inkota.


Nuk’ uwo musi Akishi amugabira i Sikulagi; ni co catumye i Sikulagi haba ah’ abami b’Abayuda bīzīziye na bugingo n’ubu.


Nuko non’ uzindukane n’abantu ba shobuja mwāzananye, muhenge kare mu macāca, mugende.


Nuko Dawidi azindukana kare mu gatondo n’ingabo ziwe, baragenda, basubira mu gihugu c’Abafilisitiya. Arikw Abafilisitiya baradūga, batera i Yezireli.


Arikw abo bagabisha b’Abafilisitiya baramurakira, baramubarira, bati Subizay’ uwo mugabo, asubire ha hantu hiwe wamuhaye; nta co ajana natwe mu ntambara, ntahave aduhindukira umurwanizi mu rugamba. Mbeg’ uru rugabo, icosubira kurwuzuza na shebuja n’iki? S’imitwe y’aba bantu?


Twari twateye i bumanuko mu Bakeriti, dutera n’i Buyuda, n’i bumanuko mu bga Kalebu, duturira n’i Sikulagi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ