7 Maze Samweli ntiyaribgamenye Uhoraho, canke ngw ahishurirwe ijambo ryiwe.
arik’ uwirata, ni yirate ibi, ko yammenye, akantahura, yuko nd’ Uhoraho nkunda kugira imbabazi no guca iziroranye n’izigororotse mw isi: kukw ivyo ari vyo bimpimbara, ni jewe Uhoraho mbivuze.
Arababaza, ati Mbega mwarahawe Mpwemu Yera igihe mwizera? Baramwishura, bati Ntitwaribganavyumve yuko Mpwemu Yera yatanzwe.
Nkir’u mwana mutoya, navuga rwana, niyumvira rwana, nibgira rwana. Mmaze gukura, mva mu vy’ ubgana.
Uhoraho yongera guhamagara, ati Samweli! Nuko Samweli aravyuka, aja iyo Eli ari, ati Ndaje nditavye. Na we at’ Eka singuhamagaye, mwananje: subira kuryama.
Nuk’ Uhoraho yongera guhamagara Samweli ubugira gatatu. Aravyuka, aja iyo Eli ari, ati Ndaje nditavye. Maze Eli aca amenya kw ar’ Uhoraho ahamagaye uwo mwana;