21 Nuk’ Uhoraho asubira kwiyerekanira i Shilo, kukw i Shilo nyene ari ho Uhoraho yihishuririra Samweli mw ijambo ryiwe. Kand’ ijambo rya Samweli rishika ku Bisirayeli bose.
Uhoraho yiyereka Aburamu, aramubarira, at’ Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu. Aca ahubaka igicaniro, yubakiye Uhoraho amwiyeretse.
Hanyuma y’ivyo, ijambo ry’ Uhoraho riza kuri Aburamu nko mu nzozi, riti Aburamu, nta co utinya: ni jewe nkinzo yawe, uzohabga impēra ikomeye cane.
haza bamwe bavuye i Shekemu n’i Shilo n’i Samariya, abagabo mirongumunani, bāri bimosheje ubganwa bgabo inkomvorera, bitantamuriyekw impuzu zabo, bikebaguye ku mibiri, bazanye amashikanwa n’imibavu mu minwe, ngo babizane mu ngoro y’ Uhoraho.
Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.
Arababarira, ati Ni mwumve amajambo yanje; asangwa muri mwebge har’ uwo mvugisha, jewe Uhoraho nzomwimenyeshereza mw iyerekwa, mvuganire na we mu nzozi.
Rāba uyu musi muhagaze imbere y’Uhoraho Imana yanyu mwese: abakuru b’imiryango, n’ abashingantahe banyu, n’abagabisha banyu, n’abagabo mwese bo mu Bisirayeli,
Kera Imana yabaririye ba sogokuruza mu kanwa k’abavugishwa na yo mu bihe vyinshi no mu buryo bginshi,
arik’ uyu musi muranse Imana yanyu, kand’ ari yo nyene ubgayo ihora ibakiza mu vyago vyanyu vyose no mu magorwa; mwarayibgiye ngo n’ibahe umwami. Nuko rero, ni muze muhagarare imbere y’Uhoraho, umuryango wose uk’ uri, n’ inzu yose ukw iri.
Uwo mwana Samweli yakorera Uhoraho imbere ya Eli. Kandi mur’ iyo misi ijambo ry’ Uhoraho ryari risigaye ar’ imbonekarimwe, nta kwerekwa na we kwari kukiriho cane.
Maz’ Uhoraho araza ahagarara ngaho, aramuhamagara nk’ubga mbere, ati Samweli we! Ewe Samweli! Na we ati N’uvuge, kuk’ umusavyi wawe nteze amatwi.
Uhoraho ahamagara Samweli; na we ati Sabge!
Kand’ umusi Sauli ashikayo, Uhoraho yari yarāye abihishuriye Samweli,