2 Ico gihe Eli yar’ atanguye guhuma, asigaye ahwihwisha gusa. Umusi ur’ izina yiryamiye ku buriri bgiwe,
Isaka ashaje, amaso yiwe asigaye abona ivyijiji, ahwihwisha gusa, ahamagara imfura yiwe Esau, at’ Ewe mwana wanje! Aritaba, ati Sabge!
Kand’ amaso ya Isirayeli yar’ asigaye abona ivyijiji kubgo gusāza, ntiyar’ acihweza. Arabamwēgereza, na we arabasoma, arabagūmbīra.
Se aranka, ati Ndabizi mwananje, ndabizi: uwo na we azohinduka ubgoko, bitayekw azoba agakomeye; yamara murumuna we azomurusha, kand’ uruvyaro rwiwe ruzohinduka amahanga menshi.
Nuk’ umwamikazi wa Yerobowamu abigenza artyo, arahaguruka, aja i Shilo kwa Ahiya. Kandi Ahiya ntiyar’ agishobora kubona, kukw amaso yiwe yar’ asigaye ar’ ivyijiji kubg’ ubusāza.
Imisi y’imyaka yacu n’imyaka mirongwirindwi, Canke naho, kubg’ intege nyinshi, yoshika kuri mirongumunani, Yamar’ ivyiratwa vyayo n’ ubutame n’umubabaro, Kukw ishira vuba, natwe tukaba tugurutse.
ku musi abazigamyi b’inzu bazotetemera, kand’ abanyenkomezi bakabunda, abasya bagasigaho kuko babaye bake, kand’ abarungurukira mu madirisha bagahuma;
Nuko Eli yar’ ageze mu zabukuru; kandi yama yumva ivyo abo bahungu biwe bagirira Abisirayeli bose, kandi ko basambana n’abagore bākora ibikorwa vyo ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.
Kandi Eli yar’ amaze imyaka mirongwicenda n’umunani; amaso yiwe yar’ ahumye, ntiyar’ akibona.