Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 3:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Nuko Samweli arakura, Uhoraho abana na we; ntiyakunda ko hagira ijambo na rimwe rya Samweli rikorokera hasi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 3:19
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mur’ iyo misi, Abimeleki azanana na Fikoli umugabisha w’ ingabo ziwe, abarira Aburahamu, at’ Imana iri kumwe nawe mu vyo ukora vyose;


Kand’ ehe rāba ndi kumwe nawe, nzokuzigamira ah’uzoja hose, kandi nzokugarukana mur’ iki gihugu; kuko ntazokureka ntarakora ivyo nkubariye.


Uhoraho abana na Yosefu, bituma aroranirwa; aba mu rugo rwa shebuja Umunyegiputa.


Shebuja abona yuk’ Uhoraho ari kumwe na we, kandi k’Uhoraho yamuhaye kugira ikiganza ciza ku co akoze cose.


at’ Uhoraho ahimbazwe, ahaye impore abantu biwe b’Abisirayeli nk’uko yabasezeraniye; nta jambo na rimwe ritāshitse mu vyiza vyose yasezeraniye mu kanwa ka Mose umusavyi wiwe.


Nuko mumenye kw ata jambo na rimwe Uhoraho yavuze ku nzu ya Ahabu rizokorokera hasi; ereg’ Uhoraho ashikije ivyo yavugishije umusavyi wiwe Eliya.


Vyabaye nk’ukw ijambo Uhoraho yari yarabariye Yehu ryāvuze, rit’ Abana bawe bazokomeza ku ngoma mu Bisirayeli gushitsa ku mwuzukururuza wawe. Nuko birashika.


mut’ Uhoraho agize ngw Azotēza ivyago aha hantu, bo n’abahaba, ngo Nk’uko vyanditswe mu majambo yose yo mur’ ico gitabo wasomye, wewe nyene umwami w’i Buyuda;


Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzūzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura.


Nkomeza ijambo ry’umusavyi wanje, ngashitsa inama z’intumwa zanje, mvuga ivya Yerusalemu, nti Hazokwongera gutūrika; n’ivy’ ibisagara vy’i Buyuda, nti Bizokwubakwa, kandi nzovyutsa ahāsenyutse haho.


uko ni kw ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera: ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye.


ngo Rāba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe.


Yinjira ah’ ari, aramubgira, ati N’amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe.


Nya mwana arakura, agwiza inkomezi z’umutima, aba mu bugaragwa kugeza umusi yerekewekw Abisirayeli.


Kand’ uno mwana arakura, agwiza inkomezi, yuzuzwa ubgenge, ubuntu bg’Imana bgari kuri we.


Kandi Yesu agwiza ubgenge no gukura no gushimwa n’Imana n’abantu.


Ibisigaye bene Data, muganūke; mutungane rwose, mwemere guhanūrwa, muhuze imitima, mubane amahoro. Ni ho Imana Nyen’ urukundo n’amahoro izobana namwe.


Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, n’urukundo rw’Imana, n’ubumwe buva kuri Mpwemu Yera, bibane namwe mwese.


Umuvugishwa azogira ico avuga mw izina ry’Uhoraho, hanyuma ntikibe, ntigishike; ico kizoba kitāvuzwe n’Uhoraho: uwo muvugishwa azoba yahāngāye kucigenera: ntimuze mumutinye.


Umwami abane n’umutima wawe. Ubuntu bg’Imana bubane namwe.


Nta kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho yasezeraniye ab’ inzu ya Isirayeli kitāshitse: ariko vyose vyarasohoye.


Hanyuma uwo mugore avyara umwana w’umuhungu, amwita Samusoni; uwo mwana arakura, Uhoraho amuha umugisha.


Kand’ ivyo bimenyamenya ni vyagushikako, ugenze uk’ ubona bikwiye, kukw Imana iri kumwe nawe.


Eh’ umwami azobarōngōra nguyo; jeho ndashaje, mmeze imvi; kandi rāba abahungu banje muri kumwe: nanje murazi ko nabarōngōye uhereye mu buto bganje ugashitsa n’ubu.


Umuhungu umwe w’umusore aramwishura, ati Nabonye umuhungu wa Isayi w’i Betelehemu, n’umucuraranzi w’umuhinga, n’ umuhizi w’inkomezi kand’ arazi kurwana, aritonda mu vyo avuga, n’umuntu w’igikundiro, kand’ Uhoraho ari kumwe na we.


Maze Sauli atinya Dawidi, kuk’ Uhoraho yari kumwe na we, ariko we akaba yamuvuyeko.


Kandi Dawidi yagira ikiganza ciza mu vyo yakora vyose, kand’ Uhoraho yari kumwe na we.


Nuko Dawidi yama agenda aho Sauli yamutuma hose, akabigiramw’ ikiganza ciza, bituma Sauli amuha kugaba ingabo ziwe; abantu bose barabishima, mbere n’abagendanyi ba Sauli na bo.


Maz’ Uhoraho agendera Hana, asama inda, aja imbere avyara abana b’abahungu batatu n’abakobga babiri. Arik’ uwo mwana Samweli akurira imbere y’Uhoraho.


Arik’ uwo mwana Samweli akomeza gukura, no gushimwa n’Uhoraho n’abantu.


Na we aramwishura, at’ Erega mur’ iki gisagara harih’ umuntu w’Imana, kandi n’umunyacubahiro; ivyo avuga vyose bihora bishika; enda se tujeyo, kumbure yoturangira inzira tujana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ