Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 3:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Nuko Samweli amudōndera vyose, ntiyagira ico amuhisha. Maze Eli aravuga, ati N’Uhoraho: n’akore ico ashima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 3:18
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Icompa bikaba kure yawe, gukora ikintu nk’ico, kwicana abagororotsi n’abanyavyaha, abagororotsi n’abanyavyaha bakaringanira: icompa bikaba kure yawe! Non’ Umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?


Nuko shira ubgoba, turwane kigabo, turwanire ubgoko bgacu n’ibisagara vy’Imana yacu; na we Uhoraho arakora ico ashima.


Na ho ni yambarira ngo sindamuhimbaye; ehe ndi hano: n’angire ukw agomba.


Maze Hezekiya yishura Yesaya, at’ Ijambo ry’Uhoraho uvuze ni ryiza. Yongera kuvuga, ati None si ko biri? Kazima hagiye kuba amahoro n’umutekano nkiriho.


Nuko shira ubgoba, turwane kigabo, turwanire ubgoko bgacu n’ibisagara vy’Imana yacu; na we Uhoraho arakora ico ashima.


ati Navuye mu nda ya mama nambaye ubusa, kandi nzosubira mu nda y’isi ata co nambaye. Uhoraho ni we yagavye, kand’ Uhoraho ni we agaburuje: izina ry’Uhoraho ni rishemagizwe.


Arikw aramwishura, at’ Uvuze nk’umwe wo mu bagore b’ibipfapfa. Mbega none twohabga ivyiza bisa mu biganza vy’Imana, tukanka kwākīra n’ibibi na vyo? Mur’ ivyo vyose Yobu ntiyakoresheje icaha akanwa kiwe.


Naracereje, sinateranura akanwa, Kukw ari wewe wabikoze.


Uhoraho amanuka ari muri ca gicu, ahagararana na we aho hantu, yivuga izina kw ar’ Uhoraho.


Maze Hezekiya yishura Yesaya, at’ Ijambo ry’Uhoraho uvuze ni ryiza. Yongera kuvuga, ati Kazima hagiye kuba amahoro n’umutēkāno nkiriho.


Nuk’ ūvugishwa n’Imana Yeremiya abarira Zedekiya umwami w’i Buyuda ayo majambo yose ar’ i Yerusalemu,


Maz’ umwami Zedekiya aratuma, bamuzanira Yeremiya umuvugishwa, bamumusanza imbere mw irebe rya gatatu ryo mu ngoro y’ Uhoraho: maz’ umwami abarira Yeremiya, ati Har’ ico nkubaza: ntugire ico umpisha.


Nuk’ uwavugishwa n’Imana Yeremiya arabishura, at’ Ego ndumvise; ngiye kubasengera k’Uhoraho Imana yanyu nk’uko muvuze: maz’ ico Uhoraho azonyishura cose nzokibabarira; sinzogira ico mbahisha.


Umuntu akiriho, iy’ ahaniwe ivyaha vyiwe, yokwidogera iki?


Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa.


Nuko mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, kugira ngw iz’ ibashire hejuru mu gihe gikwiye.


Abisirayeli bishura Uhoraho, bati Twaracumuye koko, none n’utugire uk’ ugomba: mugabo, wemere kudukiza iri rimwe gusa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ