Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 3:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Aramubaza, ati Bga bundi yakubariye iki? Ntugire ico umpisha. Ni wagira ico umpisha mu vyo yakubariye vyose, Imana ibiguhanire, mbere birushirije.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 3:17
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami yishura uwo mugore, ati Ntabara umbarire ico ngira nkubaze cose, ntumpishe. Uwo mugore aramwishura, ati Mbaza mwami wanje nyen’ ingoma.


Uti Kandi mumubarize na Amasa, muti Mbega nawe ntimur’ akara kamwe n’amaraso amwe? Mut’ Imana ize ibimuhanire, kandi birushirije, n’atākugira umugabisha w’ingabo ziwe na ntaryo mu gishingo ca Yowabu.


Hanyuma abantu bose baza kwinginga Dawidi ngw afūngure hakiri ku murango; ariko Dawidi ararahira, aravuga, ati Ni nagira ico ntamira izuba ritararenga, Imana iz’ ibimpanire, mbere birushirije!


Imana iz’ ibimpanire, jewe Abuneri, mbere birushirije, ni ntagirira Dawidi nk’uk’ Uhoraho yamurahiye,


Umwami aramubarira, at’ Aho nakurahirije nzogeza ryari, kugira ngo ntugire ico umbarira kitar’ ic’ ukuri mw izina ry’ Uhoraho?


Maz’ aravuga, ati Elisa mwene Shafati uyu musi ni yirirwa ntamuciye umutwe, Imana irakabimpanira kandi birushirije!


Umugororotsi ankubise, bizoba ar’ ukungirira neza; Ampannye, bizoba ari nko kunsīga amavuta ya elayo mu mutwe: Umutwe wanje woye kuvyanka. Ariko gusenga kwanje gukomeza kurwanya ivyaha vya ba bandi.


Maz’ umwami Zedekiya aratuma, bamuzanira Yeremiya umuvugishwa, bamumusanza imbere mw irebe rya gatatu ryo mu ngoro y’ Uhoraho: maz’ umwami abarira Yeremiya, ati Har’ ico nkubaza: ntugire ico umpisha.


Nuk’ uwavugishwa n’Imana Yeremiya arabishura, at’ Ego ndumvise; ngiye kubasengera k’Uhoraho Imana yanyu nk’uko muvuze: maz’ ico Uhoraho azonyishura cose nzokibabarira; sinzogira ico mbahisha.


Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe.


Yemwe ab’ inzu ya Yakobo, vyoshoboka kuvugwa, ngo Mbega Mpwemu w’Uhoraho yoba ikirandamuke? Ugira ngw ivyo yobikora? Mbeg’ amajambo yanje ntafitiye ikimazi ūgenda atunganye?


Nukw asubira kuri we, asanga agihagaze hambavu ya vya bimazi vyiwe vyoshejwe, ari kumwe na ba bamenyekana b’i Mowabu. Balaki aramubaza, at’ Uhoraho yavuze iki?


Ariko Yesu arihorera. Umuherezi mukuru aramubgira, ati Ndakurahiye Imana nzima, tubarire kw ari wewe Kristo, Umwana w’Imana.


ah’ uzogwa ni ho nzogwa, bahampambe: Uhoraho arakabimpanira, kandi birushirije, ni nagira ikizontandukanya nawe, atar’ urupfu.


Sauli aramwishura, ati Ni wagenda udapfuye ga Yonatani, Imana ibimpanire, mbere birushirije.


Ariko data ni yaramuka agomba kukugirira nabi, simbikumenyeshe, ngo nkurungike wīgīre uburarame, Uhoraho abimpanire, kandi birushirije. Kand’ Uhoraho az’ abane nawe nk’uko yabana na data.


Ni bgāca hakir’ izinamuhungu n’umwe nja gusiga mu bantu biwe, Imana ibimpanire, jewe Dawidi, mbere birushirije!


Maze Eli aramuhamagara, ati Mwana wanje Samweli! Na we ati Sabge!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ