14 Ni co catumye ndahira ab’ inzu ya Eli, yukw ibigabitanyo vyabo bitazotangirwa impongano, n’iyo coba ikimazi cank’ ishikanwa, gushitsa ibihe vyose.
N’uk’ utanezererwa ibimazi, mba mbigushikaniye: Ntuhimbarwa n’ibimazi vyoshejwe.
Maz’ Uhoraho Nyen’ ingabo yihishurira mu matwi yanje, arambgira, ati N’ukuri, ivyo bigabitanyo ntimuzopfa muvyogejwe ngo bibaveko, ni k’Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo agize.
Maz’ Uhoraho arambarira, ati Naho Mose na Samweli bohagarara imbere yanje, umutima wanje ntiwohangaza ubu bgoko: bahinde, bave mu nyonga zanje, bagende.
None rero nta co usengera ubu bgoko, ntubītwarire canke ng’ubasengere, kandi ntubanyingingire: kuko ntazokwumva.
Mu myanda yawe harimw’ ubushakanyi; kuko nagutunganije, ntutungane, nta ho uzokwongera gutunganywa ng’uvekw imyanda yawe, gushitsa aho nzoba nkwimazekw ishavu ryanje.
Uko ni ko muzotandukanya Abisirayeli n’ubuhumane bgabo, kugira ngo boye gupfa bahōwe ubuhumane bgabo bgo kwanduza ihema ryanje riri hagati muri bo.
Umuntu ni yacumura ku wundi, Imana ishobora kubuzuza; arik’ uwocumura k’ Uhoraho, ni nde yomuvugira? Yamara bīrengagiza ivyo se ababariye, kuk’ Uhoraho yari yagabiye kubica.