Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 3:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kuko mmaze kumubgira yuko ngiye guha inzu yiwe igihano kitazobavako, mbahōye ukugabitanya yirengagije, kukw abahungu biwe bihamagariye umuvumo, na we ntabateshe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 3:13
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi se nta ho yigeze amukankamira, ngw amubaze at’ Ivyo ukora ubiterwa n’iki? Kandi Adoniya yar’ umuntu mwiza w’ umunyakaranga, mu nda kwa se ni we yavutse inyuma ya Abusalomu.


Umwami atakw abarira Shimeyi, at’ Urazi mu mutima wawe ibibi vyose wakoreye data Dawidi, ni co gituma ivyo bibi vyawe Uhoraho agira abigusubize ku mutwe.


Ewe Mana yacu, mbega none ntiwobacirakw itēka? Kukw ata nkomezi dufise zo kurwanya ico gitero kingana girtyo kije kudutera, kandi turabuze ico twokora; ariko ni wewe duhanze amaso.


Hana umwana wawe igihe c’ ivyizigiro kitararengerana, Ariko ntutwarwe n’ishavu ng’ umwice.


Inkoni n’indero nziza bicisha ubgenge, Arik’ umwana bapfa kurekera aho atētereza nyina.


kuko kenshi na kenshi uzi mu mutima wawe nawe nyene ko watutse abandi.


Ni co gituma, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli, ngira mbacire urubanza, umuntu wese nk’ukw inzira ziwe zimeze, ni k’Umwami Uhoraho agize. Ni mugaruke, muhindukire muve mu bicumuro vyanyu vyose, ibigabitanyo vyoye kubazanira kugesezwa.


Noneh’ umuhero ugushitseko, ngira nguteze uburake bganje, ngucire urubanza ruhwanye n’ ingeso zawe; kand’ ibizira vyawe vyose nzobigusubiza ku mutwe.


Amahanga ni yikangure, adūge, aje mu kiyaya ca Yehoshafati: kukw ari ho nzovyagira, ngacira amatēka amahanga yose yo hirya no hino.


Ūkunze se canke nyina akabandutisha, ntaba ankwiye: kand’ ūkunze umuhungu wiwe cank’ umukobga wiwe akabandutisha, ntaba ankwiye.


Arik’ umuntu ni yibona ku muherezi, ntamwumvire, kand’ ari we ahagarara ngaho nyene imbere y’Uhoraho Imana yanyu ngw amuhereze, canke ntiyumvire uwo mucamanza, uwo muntu baze bamwice; ukw abe ari ko mukūra ikibi muri mwebge Abisirayeli.


Umuntu ni yagira umwana w’ intabarirwa w’ikigāba, atumvira se na nyina, naho bomukubita agakomeza kutumva;


mu vy’ imitima yacu idutsindisha vyose, kukw Imana iruta imitima yacu, kand’ izi vyose.


Kandi bene Eli bār’ abanyangeso mbi; bāpfa uko bagize ivy’ Uhoraho,


Uko ni kw icaha c’abo basore cabaye igikomeye imbere y’Uhoraho, kuko bākēngēra ikimazi ciwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ