12 Uwo musi nzoshitsa kuri Eli ivyo navuze ku nzu yiwe vyose, iyo biva bikagera.
maz’ abafise umubiri bose bazomenya yuko jewe, Uhoraho, nasokoye inkota yanje mu rwubati rwayo; ntizosubira muri rwo ukundi.
Arikw amajambo yanje n’ivyagezwe vyanje nageze abasavyi banje navugisha, mbega ntivyashitse kuri ba sogokuruza? Maze bīsubiramwo, baravuga, bati Nk’uk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagabiye kw azotugirira, ngw atwishure ibihwanye n’ingeso zacu n’ivyo twakoze, ni ko yadukoreye.
Ereg’ Imana s’umuntu ngw ibeshe, Kandi s’umwana w’umuntu ngo yisubiremwo! Ivyo yavuze, mbega ntizobikora? Ivyo yashinze ntizobishitsa?
Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.
Nk’ ukw ivyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye vyāshitse, uko ni k’Uhoraho azobashitsakw ivyago vyose yababūriye, kugeza ah’ azobaherengetereza, mugashira mur’ iki gihugu ciza mwahawe n’ Uhoraho Imana yanyu,
Nukw Abisirayeli bagenda barushiriza kugira ubushobozi bgo kumunesha, gushitsa bamuherengeteje.
Kand’ isandugu y’ Imana ifatwa mpiri; na bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi baricwa.
Iyo mbitsi iramwishura, it’ Abisirayeli batsinzwe n’ Abafilisitiya, habaye agatikizo gakomeye mu bantu; ba bahungu bawe bompi Hofuni na Finehasi bapfuye; kand’ isandugu y’Imana yafashwe mpiri.
Yita uwo mwana Ikabodi; at’ Icubahiro kirashize mu Bisirayeli. Icatumye avuga artyo n’ukw isandugu y’ Imana yafashwe mpiri, kandi n’ uko sebukwe n’umugabo wiwe bāpfuye.
Aravuga, at’ Icubahiro kirashize mu Bisirayeli, kukw isandugu y’Imana ifashwe mpiri.