Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 3:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Maz’ Uhoraho araza ahagarara ngaho, aramuhamagara nk’ubga mbere, ati Samweli we! Ewe Samweli! Na we ati N’uvuge, kuk’ umusavyi wawe nteze amatwi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 3:10
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aramwishura, at’ Ekāye: arikw ikinzanye ubu n’uko nd’ umugabisha w’ingabo z’Uhoraho. Maze Yosuwa arapfukama, arūnama, amuha icubahiro, aramubaza, ati Mugenzi, jewe umusavyi wawe non’ ico ugomba kumbarira n’iki?


Eh’ umwami azobarōngōra nguyo; jeho ndashaje, mmeze imvi; kandi rāba abahungu banje muri kumwe: nanje murazi ko nabarōngōye uhereye mu buto bganje ugashitsa n’ubu.


Uhoraho abarira Samweli, ati Rāba nzokora ikintu mu Bisirayeli, ūzocumva wese imīnzerere izomuvuga mu matwi.


Nuko Samweli araryama, ageza mu gitondo; aravyuka, yugurura inzugi z’inzu y’Uhoraho; arikw atinya kubarira Eli ivyo yeretswe.


Nuk’ Uhoraho asubira kwiyerekanira i Shilo, kukw i Shilo nyene ari ho Uhoraho yihishuririra Samweli mw ijambo ryiwe. Kand’ ijambo rya Samweli rishika ku Bisirayeli bose.


Nuk’ Uhoraho yongera guhamagara Samweli ubugira gatatu. Aravyuka, aja iyo Eli ari, ati Ndaje nditavye. Maze Eli aca amenya kw ar’ Uhoraho ahamagaye uwo mwana;


ni kwo kubarira Samweli, ati Genda, subira kuryama; maze ni yongera kuguhamagara, uheze umwitabe, ut’ Uhoraho, n’ uvuge, kuk’ umusavyi wawe nteze amatwi. Nuko Samweli asubira kuryama aho yar’ ari.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ