Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 29:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Dawidi abaza Akishi, ati None se nakoze iki? Uhereye igihe natanguriye kuba umusavyi wawe ukageza n’ubu, wambonyekw iki combuza kugenda gutera abansi bawe ga mwami wanje nyen’ ingoma?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 29:8
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’ udukize wa Mubi. [Kuk’ ubgami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ ivyawe ibihe bidashira. Amen.]


Ehe ndi hano: ni munyagirize imbere y’Uhoraho n’imbere y’uwo yimikishije amavuta. Mbega har’ uwo nanyaze inka? Canke har’ uwo nanyaze indogoba? Har’ uwo nagunze? Har’ uwo natwaje igitugu? Canke har’ uwo nātse impongano ikampuma amaso? Vuga ndabarihe.


Dawidi aramwishura, ati None nkoze iki? Ntikwar’ ukubaza gusa?


Nuko rer’ ungirire neza, jewe umusavyi wawe, kuko wansezeraniye isezerano imbere y’Uhoraho. Ariko namba har’ igicumuro mfise, n’unyiyicire ubgawe: n’iki cotuma urinda kunshīra so?


Ati Mbega mugenzi, umpīgira iki, jewe umusavyi wawe? Nakoze iki? Ndikw igicumuro ki?


Akishi ngw amubaze, at’ Uyu musi wateye hehe? Dawidi akamwishura, ati Nateye i bumanuko mu Buyuda; cank’ ati Nateye i bumanuko mu ba Yerameyeli; cank’ ati Nateye i bumanuko mu Banyakeni.


Dawidi aramwishura, ati Ni ko; kandi ni ho uzomenyera ico ndimwo, jewe umusavyi wawe. Akishi aramwishura, ati Nuko nanje nzokugira uwo kuzigama agatwe kanje na ntaryo.


None rero ni wītāhire, ugende amahoro, woye gutera ishavu abaganwa b’Abafilisitiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ