7 None rero ni wītāhire, ugende amahoro, woye gutera ishavu abaganwa b’Abafilisitiya.
Balamu yishura uwo mumarayika w’Uhoraho, ati Nkoze icaha, kuko ntamenye kw ari wewe uhagaze mu nzira ng’ untāngīre; none rero, asangwa bikubabaje, reka nsubire inyuma.
Maze Eli aramwishura, ati Nuko ni wīgīre amahoro; Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye.
Nuko Akishi ahamagaza Dawidi, aramubarira, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, warabaye umwizigirwa, kandi kubganje nta cokubujije ko wotabaranye nanje mu rugamba, tugatabarukana; kuk’ uhereye igihe waziye i wanje, nta kibi nakubonyeko gushitsa n’ubu; ariko rer’ abaganwa ntibagushima.
Dawidi abaza Akishi, ati None se nakoze iki? Uhereye igihe natanguriye kuba umusavyi wawe ukageza n’ubu, wambonyekw iki combuza kugenda gutera abansi bawe ga mwami wanje nyen’ ingoma?