Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 29:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Nuko Akishi ahamagaza Dawidi, aramubarira, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, warabaye umwizigirwa, kandi kubganje nta cokubujije ko wotabaranye nanje mu rugamba, tugatabarukana; kuk’ uhereye igihe waziye i wanje, nta kibi nakubonyeko gushitsa n’ubu; ariko rer’ abaganwa ntibagushima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 29:6
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburamu yishura Sarayi, at’ Ereg’ incoreke yawe ni wewe uyigaba ukayiganza: n’umugire uk’ugomba kwose. Nuko Sarayi amukoresha agatuzo, araruha aramuhunga.


Aho ntuzi yuko Abuneri mwene Neri yazanywe no kuguhenda, ngw amenye ingen’ utabara n’ ingen’ utabaruka, amenye n’ivy’ ukora vyose?


Ariko ndazi imyicarire yawe, n’amaja n’amaza yawe, n’ingene wanshangashiriwe.


Uhoraho azokuzigama mu maja no mu maza, Uhereye none, ugashitsa ibihe bidashira.


Ariko ndazi imyicarire yawe, n’ amaja n’amaza yawe, n’ingene wanshangashiriwe.


Nuk’ uwo mu gihugu yisabīra umugisha n’awusabe Imana y’ukuri, kand’ uwo mu gihugu arahira, n’arahire Imana y’ukuri; kukw amagorwa ya mbere yibagiranye, agahishwa inyonga zanje.


Maze ni bigana umwete ingeso z’abantu banje, bakarahira izina ryanje, ni kwo guhoraho kwanje Uhoraho, nk’uko nyene bāri bārigishije abantu banje kurahira Bayali; ni ho bazokomezwa hagati y’abantu banje.


wo kubaja imbere amaja n’ amaza, abaturutsa akabacūra: kugira ngw ishengero ryawe, Uhoraho, ryoye kumera nk’intama zitagira umwungere.


Abe ari k’umuco wanyu ubonesha imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw ijuru.


Mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata, izina ryiwe ribe ari ryo murahira.


Maze Finehasi umuherezi, bo n’abakuru b’ikoraniro, ari bo bakuru bo mu mazu y’Abisirayeli bari kumwe na we, bumvise ukw Abareyubeni n’Abagadi n’Abamanase babishuye, barashirwa.


mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.


mufise imitima itarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu nziza zo muri Kristo bamāramāre.


Dawidi aramwishura, at’ Erega so azi neza ko ngutonnyeko; ni co catumye yiyumvira, ati Yonatani ntābimenye ngo bimubabaze. Ariko vy’ukuri, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, har’ agatambuko kamwe gusa hagati yanje n’urupfu.


Sauli amurahira Uhoraho, ati Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho hakagira ico uzoba kubg’ ibi.


Maz’ abagabisha b’Abafilisitiya barabaza, bati Mbeg’ abo Baheburayo bakora iki hano? Akishi yishura abo bagabisha b’Abafilisitiya, at’ Uyu si Dawidi, yar’ umuntu wa Sauli umwami w’Abisirayeli, akaba yamaranye nanje imisi, na ko n’imyaka? Kand’ uhereye igihe yacīkiye, akaza i wanje, nta kibi namubonyeko gushitsa n’ubu.


None rero ni wītāhire, ugende amahoro, woye gutera ishavu abaganwa b’Abafilisitiya.


Ni kwo gutuma ku baganwa b’Abafilisitiya bose, bakoraniraho barababaza, bati Mbeg’ isandugu y’Imana y’ Abisirayeli tuyigenze dute? Barabishura, bati Ni bayijane i Gati. Nuko bajanay’ iyo sandugu y’ Imana y’Abisirayeli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ