Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 29:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Arikw abo bagabisha b’Abafilisitiya baramurakira, baramubarira, bati Subizay’ uwo mugabo, asubire ha hantu hiwe wamuhaye; nta co ajana natwe mu ntambara, ntahave aduhindukira umurwanizi mu rugamba. Mbeg’ uru rugabo, icosubira kurwuzuza na shebuja n’iki? S’imitwe y’aba bantu?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 29:4
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi no mu Bamanase har’ abācīkiye Dawidi, igihe yajana n’ Abafilisitiya bagiye gutera Sauli; mugabo ntiyabafasha, kukw abaganwa b’Abafilisitiya, bamaze kuja inama baciye bamurungika, bati Yohava aduta, agaherēra ku ruhande rwa shebuja Sauli, natwe ntituhokore agatwe kacu.


Nukw akiri mu nzira asubira i Sikulagi, abo bantu bo mu Bamanase bāciye bamucīkira, ni bo aba: Aduna na Yozabadi na Yediyayeli na Mikayeli na Yozabadi na Elihu na Siletayi, abakuru bo mu mazu y’Abamanase.


Enda tubaronderere inama y’ubgenge, kugira ngo boye kugwira, bakazohava bīfatanya n’abansi bacu, haramutse habaye intambara, bakaturwanya, bakava mur’ iki gihugu.


Nuko shebuja ashima uwo mubgiriza agabitanya, kuko yakoze ivy’ ubgenge: kukw abana b’iki gihe bagira ubgenge mu vy’ubu bugingo kurusha abana b’umuco.


Maz’ Abaheburayo bari basanzwe bafatanije n’Abafilisitiya ubga mbere, bakaba bāradūganye na bo aho bāja gusagaza, na bo barahinduka, bifatanya n’Abisirayeli bari kumwe na Sauli na Yonatani.


Nuk’ uwo musi Akishi amugabira i Sikulagi; ni co catumye i Sikulagi haba ah’ abami b’Abayuda bīzīziye na bugingo n’ubu.


Akishi aramwishura, ati Kubganje ndazi ko war’ untunganiye nk’umumarayika w’ Imana; arikw abagabisha b’Abafilisitiya baravuze, ngo Ntuzojana na bo mu ntambara.


Nuko Dawidi n’ingabo ziwe bashika i Sikulagi ku musi ugira gatatu, basanga Abamaleki bateye igihugu c’i bumanuko n’i Sikulagi, basanga i Sikulagi bāhanesheje, bāhaturiye,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ