Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 29:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maz’ abagabisha b’Abafilisitiya barabaza, bati Mbeg’ abo Baheburayo bakora iki hano? Akishi yishura abo bagabisha b’Abafilisitiya, at’ Uyu si Dawidi, yar’ umuntu wa Sauli umwami w’Abisirayeli, akaba yamaranye nanje imisi, na ko n’imyaka? Kand’ uhereye igihe yacīkiye, akaza i wanje, nta kibi namubonyeko gushitsa n’ubu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 29:3
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Haza umwe mu bahunze, abibarira Aburamu Umuheburayo: yaba i ruhande y’ibiti vy’imyeloni vy’Umwamori yitwa Mamure, mwene wabo wa Eshikoli na Aneri; kand’ abo bari bifatanije na Aburamu.


Kandi no mu Bamanase har’ abācīkiye Dawidi, igihe yajana n’ Abafilisitiya bagiye gutera Sauli; mugabo ntiyabafasha, kukw abaganwa b’Abafilisitiya, bamaze kuja inama baciye bamurungika, bati Yohava aduta, agaherēra ku ruhande rwa shebuja Sauli, natwe ntituhokore agatwe kacu.


Nukw akiri mu nzira asubira i Sikulagi, abo bantu bo mu Bamanase bāciye bamucīkira, ni bo aba: Aduna na Yozabadi na Yediyayeli na Mikayeli na Yozabadi na Elihu na Siletayi, abakuru bo mu mazu y’Abamanase.


Bukeye abo bagabo baravugana, bati Nta rwitwazo tuzoronka kuri Daniyeli, shiti tururonse mu vy’ivyagezwe vy’Imana yiwe.


Maz’ abaherezi bakuru n’abagendanyi bamubonye, barasemerera, bati Mubambe, mubambe. Pilato arababgira, ati Ni mube ari mwebge mumwishorerera, mumubambe, kuko jewe ata gicumuro mbonye kuri we.


Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye; mubabare gukora ivyiza imbere y’abantu bose.


mufise imitima itarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu nziza zo muri Kristo bamāramāre.


Nuko bompi baseruka ah’ abo mu nsago z’Abafilisitiya bababona; maz’ Abafilisitiya baravuga, bat’ Ehe rāba Abaheburayo barasokorotse mu myobo bāri binyegejemwo!


Ndakwinginze, mpangaza jewe umuja wawe, umparire igicumuro canje: Uhoraho ntazobura guha inzu yawe kurama, kuk’ urwana intambara z’Uhoraho, mugenzi, kandi nta kibi kizokubonekako imisi yose uzoba uriho.


Maze Dawidi yiyumvira mu mutima, at’ Umusi munaka, Sauli azoteba anyice; nta cosumba ko nohungira mu gihugu c’ Abafilisitiya, Sauli akampebūra, ntasubire kundondera mu gihugu cose c’Abisirayeli; uko ni ko noba ndamukize.


Igihe Dawidi yamaze mu gihugu c’Abafilisitiya n’ umwaka n’amezi ane.


Nuko Akishi ahamagaza Dawidi, aramubarira, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, warabaye umwizigirwa, kandi kubganje nta cokubujije ko wotabaranye nanje mu rugamba, tugatabarukana; kuk’ uhereye igihe waziye i wanje, nta kibi nakubonyeko gushitsa n’ubu; ariko rer’ abaganwa ntibagushima.


Maz’ Abafilisitiya bumvise urwo rwamo, barabazanya, bat’ Urwo rwamo rwinshi ruri mu nsago z’Abaheburayo n’urw’ iki? Hanyuma bamenya kw ar’ isandugu y’Uhoraho ishitse mur’ izo nsago.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ