2 Maz’ abaganwa b’Abafilisitiya bagenda bajanye ingabo zabo, hamwe ijana‐ijana, ahandi igihumbi‐igihumbi; kandi Dawidi n’ingabo ziwe bazanana na Akishi babakurikiye.
Kandi no mu Bamanase har’ abācīkiye Dawidi, igihe yajana n’ Abafilisitiya bagiye gutera Sauli; mugabo ntiyabafasha, kukw abaganwa b’Abafilisitiya, bamaze kuja inama baciye bamurungika, bati Yohava aduta, agaherēra ku ruhande rwa shebuja Sauli, natwe ntituhokore agatwe kacu.
Maze hahaguruka ab’ ibendera y’igugu rya Dani, ari bo bāherukira izo ngabo zose, nk’ukw imice yabo iri: umukuru w’izo ngabo yari Ahiyezeri mwene Amishadayi.
uhēreye ku ruzi Shihori rurābana na Egiputa, gushitsa ku rubibe rw’i Ekuroni ahahera i burārūko, ahavugwa kw ar’ ah’ Abanyakanani: kand’ abaganwa batanu b’Abafilisitiya n’aba: uw’i Gaza, n’uw’i Ashidodi, n’uw’i Ashikeloni, n’uw’i Gati, n’uw’i Ekuroni; bo n’igihugu c’Abavimu,
Barababaza, bati Mbega tuyihongere impongano ki? Bati Muyihongere ibisa n’ibihute bitanu mucuze mw izahabu, n’ ibisa n’imbeba bitanu mucuze mw izahabu nyene, nk’ukw igitigiri c’abaganwa b’Abafilisitiya kingana; kukw icago cabashitseko mwese ari kimwe n’icashitse ku baganwa banyu.