Abasigaye bahungira mu gisagara c’i Afeka; maz’ uruzitiro rwaho rw’amabuye rusidukira ku bantu ibihumbi mirongwibiri n’indwi mur’ abo bari basigaye. Beni‐hadadi na we arahunga, yitera mu nzu yo mur’ ico gisagara, arenga hirya mu mpete.
Nuko bagaruka kubimubgira; na we aravuga, at’ Iryo ni rya jambo Uhoraho yavugishije umusavyi wiwe Eliya w’i Tishubi, ati Mw itongo ry’i Yezireli ni ho imbga zizorīra umuvyimba wa Yezebeli;
Yerubayali, ari we Gideyoni, n’abantu bose bari kumwe na we, bazinduka kare, baragenda basagaza kw iriba ry’i Harodi, kand’ Abamidiyani bari bashagaje ahahera i burārūko bgabo, ahēgeranye n’umusozi More, mu kiyaya.