Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 28:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nuko Sauli ariyoberanya, yambara izindi mpuzu, ajana n’abantu babiri, baja kur’ uwo mupfumukazi mw ijoro. Maze Sauli aramubarira, ati Ntabara umpamagarize umuzimu ubumenyi bgawe, unzūrire uwo ngira nkubarire.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 28:8
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami w’ Abisirayeli abarira Yehoshafati, ati Ngiye kwiyoberanya, nje mu rugamba; ariko weho ni wambare imyambaro yawe y’ubgami. Nuk’ umwami w’Abisirayeli ariyoberanya, aja mu rugamba.


Maz’ umuntu umwe wo mu rugamba apfa kurasa, agema umwami w’Abisirayeli ah’ ivyuma bimukīngīra bihūrira; aca abarira ūtumbereza umukogote wiwe, ati Hindukiza, unkūre mu rugamba, kuko nkomeretse bibi.


Uko ni ko Sauli yatanze, azize ibicumuro vyiwe yacumuye k’ Uhoraho, kukw atitondeye ijambo ryiwe, kandi kuko yaraguje umuntu azi guhamagara imizimu, ngw amusigurize,


Maz’ umwami w’Abisirayeli abarira Yehoshafati, ati Ngiye kwiyoberanya, nje mu rugamba; ariko weho ni wambare imyambaro yawe y’ubgami. Nuk’ umwami w’Abisirayeli ariyoberanya; baraheza baja mu rugamba.


Yamara Yosiya ntiyemera guhindukira ngw amureke, arikw ariyoberanya kugira ngw amurwanye, ntiyumvira amajambo ya Neko avuye ku Mana; barumanira mu kiyaya c’i Megido.


Kandi ni bababgira, ngo Ni mubaze abahamagara imizimu, mubaze n’abamenyi bajwigira bongorera: mbeg’ ikibereye abantu ntibāri bakwiye kubaza Imana yabo? Mbeg’ ivy’ abariho vyobazwa abapfuye?


Har’ uwoshobora kwinyegeza ahantu hihishije ngo nanje sindamubone? ni jewe Uhoraho mbibajije. Mbega sinkwiye ijuru n’isi? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Ubishire ku rutugu bakubona, ubijane bumaze kwira; witwikire mu maso ngo ntubone igihugu: kuko nagushizeho kubera akarorero inzu ya Isirayeli.


Uku ni kwo gutsindwa, kuk’ umuco waje mw isi, arikw abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kukw ibikorwa vyabo ari bibi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ