Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 28:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Maze Sauli abarira abantu biwe, ati Ni mumbarize umupfumukazi azi guhamagara imizimu, nje kumubaza. Abantu biwe baramwishura, bati Harih’ umupfumukazi abizi i Endori.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 28:7
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Akivugana na bo, umwami aramanuka aja iy’ ari; aravuga, at’ Ibi vyago ko bivuye k’Uhoraho, har’ ikindi kizigizigi nkimufiseko?


Uko ni ko Sauli yatanze, azize ibicumuro vyiwe yacumuye k’ Uhoraho, kukw atitondeye ijambo ryiwe, kandi kuko yaraguje umuntu azi guhamagara imizimu, ngw amusigurize,


Bāyogereye kuri Endori, Bācitse intabire y’imisozi.


Umutima wa Egiputa uzokamangana, nanje nzokwica imigabo yaho; bazoja gusiguza ibigirwamana n’abavovota n’abahamagara imizimu bo n’abamenyi.


Ntimuze muhindukirire abahamagara imizimu cank’ abamenyi: ntimuze muje kubabaza, bagahava babahumanya: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Kukw ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.


Bukeye tugiye aho basengera, duhūra n’umwigeme arimwo dayimoni aragura, yar’ atungishije ba shebuja cane kubg’ iyo ndagu.


cank’ umwābūzi, cank’ ūja guhamagara imizimu, cank’ umumenyi, cank’ ūraguza imizimu.


Kand’ Abamanase ibisagara bāhāwe mu bg’Abisakari no mu bg’Abasheri ni vy’ ibi: Beti‐sheyani na Ibuleyamu n’ababa i Dori n’ababa i Endori, n’ababa i Tanaki n’ababa i Megido, bo n’udusagara tugenda tuhakūkira; iyo ni yo misozi itatu ihagaze.


Samweli yar’ amaze gupfa; Abisirayeli bose bari baramuririye, bamuhamba i Rama mu gisagara yabamwo. Kandi Sauli yari yarahoneje abahamagara imizimu n’ abamenyi mu gihugu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ