Kand’ uz’ ushire Urimu na Tumimu imbere mur’ uwo mupfuko wo ku gikiriza wo kwahukanya imanza, bibe ku mutima wa Aroni, uko yinjiye imbere yanje; Aroni aze yame yambara ivyo kwahukanya imanza z’Abisirayeli ubudasība, iy’ aje imbere yanje, jewe Uhoraho.
Amarembo yaho anyikiye mu kuzimu; ibihindizo vyaho yaravyononye, arabivunagura: Umwami waho n’abaganwa baho bari mu mahanga; nta vyagezwe bikiriho: Mber’ abavugishwa n’Uhoraho ntibakigira ivyo beretswe na we.
Hanyuma y’ivyo nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose; abahungu banyu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, n’abatāma banyu bazorota inzozi, n’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe.
Arababarira, ati Ni mwumve amajambo yanje; asangwa muri mwebge har’ uwo mvugisha, jewe Uhoraho nzomwimenyeshereza mw iyerekwa, mvuganire na we mu nzozi.
Akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana amwiyerekera mu nzozi, aramubarira, ati Yosefu, mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kukw atwaye inda ya Mpwemu Yera.
Nuko Samweli abaza Sauli, ati N’iki gitumye uza kunkoma, ukanzūra? Sauli aramwishura, ati N’uko ndi mu magorwa, kukw Abafilisitiya baje kuntera, kand’ Imana ikaba yarantaye, ata co ikinyishura, ari mu bo ivugisha canke mu nzozi. Ni co kinteye kuguhamagara, ng’ummenyeshe ico nkwiye gukora.