Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 28:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Arikw asiguje Uhoraho, ntiyagira ico amwishura, ari mu nzozi, ari mu buryo bga Urimu, haba no mu bavugishwa na we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 28:6
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bārēraguje, babura ūbakiza; Batakambiye Uhoraho, ntiyabishura.


Ntitubona ibimenyetso vyacu, Nta wuvugishwa n’Imana akiriho: Kandi nta n’umwe muri twebge azi ah’ ivyo bizogarukira.


mu wa kane habe utwitwa tarushishi na shohamu na yasipi: tuze tugende turumikwa mu tugenegene tw’izahabu.


Kand’ uz’ ushire Urimu na Tumimu imbere mur’ uwo mupfuko wo ku gikiriza wo kwahukanya imanza, bibe ku mutima wa Aroni, uko yinjiye imbere yanje; Aroni aze yame yambara ivyo kwahukanya imanza z’Abisirayeli ubudasība, iy’ aje imbere yanje, jewe Uhoraho.


Ntukarāte ivy’ ejo, Kuk’ utazi ivyo umusi uzovyara.


Kamenyi ni yagira ico yarose, n’akirotore; kand’ ūfise ijambo ryanje n’ avuge iryo jambo adacishije i ruhande. Mbeg’ umuguruka uhwanye ute n’ingano? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Amarembo yaho anyikiye mu kuzimu; ibihindizo vyaho yaravyononye, arabivunagura: Umwami waho n’abaganwa baho bari mu mahanga; nta vyagezwe bikiriho: Mber’ abavugishwa n’Uhoraho ntibakigira ivyo beretswe na we.


Hanyuma y’ivyo nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose; abahungu banyu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, n’abatāma banyu bazorota inzozi, n’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe.


amwambika na wa mupfuko mu gikiriza, mur’ uwo mupfuko ashiramwo Urimu na Tumimu.


Abamenyi bazotētērwa, n’abapfumu bamāramāre; mbere bose bazojorerwa, kukw ata co bishuwe kivuye ku Mana.


Arababarira, ati Ni mwumve amajambo yanje; asangwa muri mwebge har’ uwo mvugisha, jewe Uhoraho nzomwimenyeshereza mw iyerekwa, mvuganire na we mu nzozi.


Kand’ az’ ahore ahagarara imbere ya Eleyazari umuherezi, amutume kuza imbere yanje kumbaza, apfindishije Urimu; ijambo rya Eleyazari rize ribe ari ryo ribaturutsa, ribacūre, Yosuwa n’Abisirayeli bose, mbere n’ishengero ryose.


Akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana amwiyerekera mu nzozi, aramubarira, ati Yosefu, mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kukw atwaye inda ya Mpwemu Yera.


Turazi kw Imana itumviriza abanyavyaha, arik’ ūyubaha, agakora ivyo igomba, uwo ni we yumviriza.


Aba Lewi abavugako, Ati Tumimu zawe na Urimu zawe zifiswe n’umukunzi wawe, Uwo wageragereje i Masa, Ugahārīrira na we ku mazi y’i Meriba.


murasaba ntimuhabge, kuko musaba nabi, kugira ngo muvyononere mu bibahimbara.


Nuko Sauli asiguza Imana, ati Mbega mmanuke nkurikire Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko y’Abisirayeli? Arik’ uwo musi ntiyamwishura.


Nuko Samweli abaza Sauli, ati N’iki gitumye uza kunkoma, ukanzūra? Sauli aramwishura, ati N’uko ndi mu magorwa, kukw Abafilisitiya baje kuntera, kand’ Imana ikaba yarantaye, ata co ikinyishura, ari mu bo ivugisha canke mu nzozi. Ni co kinteye kuguhamagara, ng’ummenyeshe ico nkwiye gukora.


Sauli abonye ingabo z’Abafilisitiya, aratinya, aranduka umutima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ