Yemwe misozi y’i Gilibowa, Ntihagatonde ikime kuri mwebge, canke ngo hagwe imvura, Ntihakamere imirima ngo baronkek’ umushuzo w’amashikanwa! Kuko kuri mwebge ari ho inkinzo y’umuhizi yashiburiwe, Ni yo nkinzo ya Sauli, itazosīgwa amavuta ukundi.
Dawidi araheza aragenda yaka abantu b’i Yabeshi‐gileyadi amagufa ya Sauli n’aya Yonatani umuhungu wiwe, ayo bāri bārīvye mu kibuga c’i Beti‐shani, ah’ Abafilisitiya bari barayamanitse, kuri wa musi bātsinda Sauli i Gilibowa.