3 Samweli yar’ amaze gupfa; Abisirayeli bose bari baramuririye, bamuhamba i Rama mu gisagara yabamwo. Kandi Sauli yari yarahoneje abahamagara imizimu n’ abamenyi mu gihugu.
Kuk’ ubugarariji ari co kimwe n’icaha c’ubupfumu, kandi kuba ntagondwa ni kimwe no gusenga ibishushanyo n’ibigirwamana. Ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba ku ngoma.
Maze Samweli apfuye, Abisirayeli bose bakoranira hamwe, baramuririra; bamuhamba i we i Rama. Hanyuma Dawidi ava hasi, aramanuka aja mu bugaragwa bg’i Parani.