Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 28:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Aranka, at’ Eka singomba kurya. Arikw abantu biwe bo na nya mupfumukazi baramugōbēra, arabemerera, ava hasi, yicara ku buriri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 28:23
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Ahabu arataha ashavuye yijiriwe, kubg’ iryo jambo Naboti w’i Yezireli yamubariye: kuko yamubariye, ati Sinoguha ishamvu ya ba sogokuruza. Nukw aragenda yiryamira ku kirwa, aroresha amaso hirya mu rusika, yanka gufūngura.


Umusi ur’ izina, Elisa aja i Shunemu. Kandi hāriy’ umugore w’umutunzikazi; aramugōbēra ngw amuzimane. Maz’ uhereye ico gihe, iy’ aciye aho, yama ajayo bakamuzimana.


Abantu biwe baramwēgēra, baramubarira, bati Mbega mutungwa, iyaba uyo muvugishwa n’Imana akurangiye ikintu kigoye, ntiwari kugikora? Nkanswe kukubarira, ngw Iyuhagire uhumanuke?


Hāri hakinze impuzu zera n’izisa n’akatsi gatoto n’iz’ amasufe, zimanikishijwe imigozi y’ibitambara vyera vyiza n’iy’ inyambarabami, ifashwe n’impeta z’ifeza ku nkingi z’amabuye yitwa marimari; hāri n’imisegamuro yakozwe mw izahabu n’ifeza, iteretse ku musezero wa marimari nyene y’amabara y’ agahama n’ayera n’ay’ umuhondo n’ayirabura.


Kuvugiriza impundu umuntu atuntuye mu mutima Ni nk’umuntu kwiyambura impuzu mu gihe c’imbeho, n’inkarisha isutswe ku munyu witwa amagadi.


mwicara ku musegamuro mutimbitse, har’ ameza agemetse imbere yawo, muyaterekakw imibavu yanje n’amavuta yanje ya elayo.


Shebuja abarira uno mushumba wiwe, ati Genda uje mu nzira z’iroro no mu mihōra, ubagōbēre baze, kugira ngw inzu yanje yuzure.


Baramugōbēra, bati Gumana natwe, kuko bugira bgire kand’ umusi ukuze cane. Arinjira ngw agumane na bo.


Amaze kubatizanywa n’abo mu nzu yiwe, aratwinginga, at’ Asangwa mubonye nd’uwizeye Umwami Yesu, ni muze i wanje, musembereho. Aratugōbēra.


Kuk’ urukundo rwa Kristo rutugōbēra, kand’ ico tuzi tudakekeranya n’uk’ umwe yapfiriye bose, nuko rero bose bārapfuye.


None rero ndakwinginze, nawe unyumvire, jewe umuja wawe, unyemerere ngire utwo nkuronderera, ufūngure, kugira ng’ usubiremw’ intege ubashe kugenda.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ